Surah Al-An'aam — The Cattle

Surah Al-An'aam (The Cattle) is chapter 6 of the Quran, with 165 verses. This page presents the Arabic text with a Kirundi translation, verse by verse.

ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ وَجَعَلَ ٱلظُّلُمَٰتِ وَٱلنُّورَۖ ثُمَّ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ بِرَبِّهِمۡ يَعۡدِلُونَ

Ishimagizwa ryiza rikwiriye Imana kuko ariyo yaremye Amajuru n’Isi n’ukugira umwijima hamwe n’umuco, no kuri ibi vyose bamwe bahakanye Umuremyi wabo w’ukuri nibo bagereranya Umuremyi wabo n’izindi Mana z’ububeshi

Ayah 1

هُوَ ٱلَّذِي خَلَقَكُم مِّن طِينࣲ ثُمَّ قَضَىٰٓ أَجَلࣰ اۖ وَأَجَلࣱ مُّسَمًّى عِندَهُۥۖ ثُمَّ أَنتُمۡ تَمۡتَرُونَ

Imana niyo yabaremye ikoresheje ivu, hanyuma ishira ho ikiringo, n’ico kiringo kirategekanijwe kikaba kiri iwe, hejuru y’ivyo vyose ni mwebwe mubigirana amakenga

Ayah 2

وَهُوَ ٱللَّهُ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَفِي ٱلۡأَرۡضِ يَعۡلَمُ سِرَّكُمۡ وَجَهۡرَكُمۡ وَيَعۡلَمُ مَا تَكۡسِبُونَ

Nayo niyo Mana iri mu Majuru yose no kw’Isi, kandi niyo ifise ubumenyi bw’amabanga yanyu yose, n’ibiri hanze yanyu vyose, kandi niyo ifise ubumenyi bw’ivyo mugira vyose

Ayah 3

وَمَا تَأۡتِيهِم مِّنۡ ءَايَةࣲ مِّنۡ ءَايَٰتِ رَبِّهِمۡ إِلَّا كَانُواْ عَنۡهَا مُعۡرِضِينَ

Kandi ntibashikirwa n’ivyemezo ivyarivyo vyose muvyemezo vy’Umuremyi wabo, mugabo nuko bayihakana

Ayah 4

فَقَدۡ كَذَّبُواْ بِٱلۡحَقِّ لَمَّا جَآءَهُمۡ فَسَوۡفَ يَأۡتِيهِمۡ أَنۢبَٰٓؤُاْ مَا كَانُواْ بِهِۦ يَسۡتَهۡزِءُونَ

Baraguhakanye ukuri kwama mugihe kwabashikira, ubu bazoshikirwa n’inkuru zivyo bahora bafata minenerwe

Ayah 5

أَلَمۡ يَرَوۡاْ كَمۡ أَهۡلَكۡنَا مِن قَبۡلِهِم مِّن قَرۡنࣲ مَّكَّنَّٰهُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ مَا لَمۡ نُمَكِّن لَّكُمۡ وَأَرۡسَلۡنَا ٱلسَّمَآءَ عَلَيۡهِم مِّدۡرَارࣰ ا وَجَعَلۡنَا ٱلۡأَنۡهَٰرَ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهِمۡ فَأَهۡلَكۡنَٰهُم بِذُنُوبِهِمۡ وَأَنشَأۡنَا مِنۢ بَعۡدِهِمۡ قَرۡنًا ءَاخَرِينَ

Mbega ntibabona isinzi ry’abantu uko bangana nabo twahoneje imbere yabo, twarabatsimbataje ngaha kw’Isi nkuko tutabatsimbataje mwebwe ngaha kw’Isi, hanyuma tubarungikira imvura y’urutavanako hanyuma tugira imyonga ica imbere yabo, hanyuma turabahonya kubera ibicumuro vyabo, hanyuma turema munyuma yabo abandi bantu

Ayah 6

وَلَوۡ نَزَّلۡنَا عَلَيۡكَ كِتَٰبࣰ ا فِي قِرۡطَاسࣲ فَلَمَسُوهُ بِأَيۡدِيهِمۡ لَقَالَ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ إِنۡ هَٰذَآ إِلَّا سِحۡرࣱ مُّبِينࣱ‏

Iyo tukumanurira irwandiko ruri k’urupapuro nukuzikorako n’amaboko yabo, ntankeka bamwe bahakana Imana yabo y’ukuri bari kuvuga bati:- ibi vyose ntaco bitumariye ahubwo n’uburozi buri k’umugaragaro

Ayah 7

وَقَالُواْ لَوۡلَآ أُنزِلَ عَلَيۡهِ مَلَكࣱۖ وَلَوۡ أَنزَلۡنَا مَلَكࣰ ا لَّقُضِيَ ٱلۡأَمۡرُ ثُمَّ لَا يُنظَرُونَ

Kandi bavuga bati:- mbega ni kuki ata manuriwe umumarayika, n’iyo tumanura umumarayika ntankeka urubanza rwari gucibwa aho nyene

Ayah 8

وَلَوۡ جَعَلۡنَٰهُ مَلَكࣰ ا لَّجَعَلۡنَٰهُ رَجُلࣰ ا وَلَلَبَسۡنَا عَلَيۡهِم مَّا يَلۡبِسُونَ

Iyo tumugira umumarayika ntankeka twari kumugira umuntu, kandi twari kubajuragiza kuvyo bajuragirizwako

Ayah 9

وَلَقَدِ ٱسۡتُهۡزِئَ بِرُسُلࣲ مِّن قَبۡلِكَ فَحَاقَ بِٱلَّذِينَ سَخِرُواْ مِنۡهُم مَّا كَانُواْ بِهِۦ يَسۡتَهۡزِءُونَ

Mu vy’ukuri intumwa z’Imana zarakengewe imbere yawe, mugabo barakikuzwa bamwe bakengera muribo kuvyo bahora bakengera

Ayah 10

قُلۡ سِيرُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ ثُمَّ ٱنظُرُواْ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلۡمُكَذِّبِينَ

Vuga uti:- ni mufate ingendo kuri iy’Isi hanyuma mw’itegereze amaherezo y’abahakanye Imana y’ukuri

Ayah 11

قُل لِّمَن مَّا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۖ قُل لِّلَّهِۚ كَتَبَ عَلَىٰ نَفۡسِهِ ٱلرَّحۡمَةَۚ لَيَجۡمَعَنَّكُمۡ إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلۡقِيَٰمَةِ لَا رَيۡبَ فِيهِۚ ٱلَّذِينَ خَسِرُوٓاْ أَنفُسَهُمۡ فَهُمۡ لَا يُؤۡمِنُونَ

Vuga uti:- ibiri mumajuru no kw’Isi vyose ni vyande? Hanyuma uvuge uti:- ni vy’Imana, kuko niyo yitumye kugirira impuhwe zayo abantu bayo, mu vy’ukuri ivyo begeranya k’umusi w’imperuka ariwo musi ata nkeka urimwo, nayo bamwe bitaye muruhombo nibo batemera uwo musi w’imperuka

Ayah 12

۞وَلَهُۥ مَا سَكَنَ فِي ٱلَّيۡلِ وَٱلنَّهَارِۚ وَهُوَ ٱلسَّمِيعُ ٱلۡعَلِيمُ

N’ivyiwe bituruye mw’Ijoro no k’umutaga, nayo niyo yumva, kandi niyo nyene ubumenyi buhagije

Ayah 13

قُلۡ أَغَيۡرَ ٱللَّهِ أَتَّخِذُ وَلِيࣰّ ا فَاطِرِ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَهُوَ يُطۡعِمُ وَلَا يُطۡعَمُۗ قُلۡ إِنِّيٓ أُمِرۡتُ أَنۡ أَكُونَ أَوَّلَ مَنۡ أَسۡلَمَۖ وَلَا تَكُونَنَّ مِنَ ٱلۡمُشۡرِكِينَ

Vuga uti:- mbega ngire Umuremyi atari Imana, ariyo yaremye Amajuru n’Isi, nayo ikaba irisha itarishwa ? vuga uti:- mu vy’ukuri jewe nategetswe ngo mbe uwambere mubemera ubu Isilamu, nca mbwirwa kutaba muba gereranya Imana n’ibindi bintu

Ayah 14

قُلۡ إِنِّيٓ أَخَافُ إِنۡ عَصَيۡتُ رَبِّي عَذَابَ يَوۡمٍ عَظِيمࣲ‏

Vuga uti:- jewe ntinya ibihano vy’umusi mukuru niniyonkora k’Umuremyi wanje

Ayah 15

مَّن يُصۡرَفۡ عَنۡهُ يَوۡمَئِذࣲ فَقَدۡ رَحِمَهُۥۚ وَذَٰلِكَ ٱلۡفَوۡزُ ٱلۡمُبِينُ

Uwuzokurwako ivyo bihano kuri uwo musi w’imperuka, ntankeka Imana izoba yamugiriye impuhwe zayo, iyi rero niyo ntsinzi iri k’umugaragaro

Ayah 16

وَإِن يَمۡسَسۡكَ ٱللَّهُ بِضُرࣲّ فَلَا كَاشِفَ لَهُۥٓ إِلَّا هُوَۖ وَإِن يَمۡسَسۡكَ بِخَيۡرࣲ فَهُوَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءࣲ قَدِيرࣱ‏

Niyaba Imana yawe yagutayeko ingorane ntawundi muntu ashoboye kuyigukurako atariyo yonyene gusa, canke igukojejeko amahirwe, niyo yonyene ifise ubushobozi buri hejuru y’ibintu vyose

Ayah 17

وَهُوَ ٱلۡقَاهِرُ فَوۡقَ عِبَادِهِۦۚ وَهُوَ ٱلۡحَكِيمُ ٱلۡخَبِيرُ

Nayo niyo nyene itsinzi y’abantu bose, kandi niyo nyene ubuhizi n’inkuru zose

Ayah 18

قُلۡ أَيُّ شَيۡءٍ أَكۡبَرُ شَهَٰدَةࣰۖ قُلِ ٱللَّهُۖ شَهِيدُۢ بَيۡنِي وَبَيۡنَكُمۡۚ وَأُوحِيَ إِلَيَّ هَٰذَا ٱلۡقُرۡءَانُ لِأُنذِرَكُم بِهِۦ وَمَنۢ بَلَغَۚ أَئِنَّكُمۡ لَتَشۡهَدُونَ أَنَّ مَعَ ٱللَّهِ ءَالِهَةً أُخۡرَىٰۚ قُل لَّآ أَشۡهَدُۚ قُلۡ إِنَّمَا هُوَ إِلَٰهࣱ وَٰحِدࣱ وَإِنَّنِي بَرِيٓءࣱ مِّمَّا تُشۡرِكُونَ

Vuga uti:- n’ikihe kintu c’icabona arico gikuru gusumba? Hanyuma uce uvuga uti:- Imana niyo cabona canje kiri hagati yanje namwe, n’iyi Qur’ani ntagatifu nahawe kugira ngo ntuze mwebwe n’uwo izoshikira, mbega mu vy’ukuri mwebwe murafise ivyabona yuko hari izindi Mana hamwe n’Imana y’ukuri? Vuga uti:- jewe sindi icabona hanyuma uvuge uti:- niyo Mana imwe yonyene rudende gusa, mu vy’ukuri jewe ndi kure nabo mugereranya n’ibindi bintu

Ayah 19

ٱلَّذِينَ ءَاتَيۡنَٰهُمُ ٱلۡكِتَٰبَ يَعۡرِفُونَهُۥ كَمَا يَعۡرِفُونَ أَبۡنَآءَهُمُۘ ٱلَّذِينَ خَسِرُوٓاْ أَنفُسَهُمۡ فَهُمۡ لَا يُؤۡمِنُونَ

Bamwe twahaye igitabu c’Imana barafise ubumenyi bw’ibi vyose nkuko bafise ubumenyi bw’ibibondo vyabo, nayo bamwe bita muruhombo nibo batemera ivyo vyose

Ayah 20

وَمَنۡ أَظۡلَمُ مِمَّنِ ٱفۡتَرَىٰ عَلَى ٱللَّهِ كَذِبًا أَوۡ كَذَّبَ بِـَٔايَٰتِهِۦٓۚ إِنَّهُۥ لَا يُفۡلِحُ ٱلظَّٰلِمُونَ

None ni nde muhemu gusumba umwe yadukana ububeshi bwukubeshera Imana, canke uwuhakana ivyemezo vyayo? Mu vy’ukuri abahemukiye imitima yabo ntantsinzi bafise

Ayah 21

وَيَوۡمَ نَحۡشُرُهُمۡ جَمِيعࣰ ا ثُمَّ نَقُولُ لِلَّذِينَ أَشۡرَكُوٓاْ أَيۡنَ شُرَكَآؤُكُمُ ٱلَّذِينَ كُنتُمۡ تَزۡعُمُونَ

N’umusi tuzobegeranya bose hamwe, hanyuma tuze tubabwire bamwe bagereranya Imana n’ibindi bintu duti:- bari hehe bamwe mubagereranywa banyu mwamye muvuga

Ayah 22

ثُمَّ لَمۡ تَكُن فِتۡنَتُهُمۡ إِلَّآ أَن قَالُواْ وَٱللَّهِ رَبِّنَا مَا كُنَّا مُشۡرِكِينَ

Hanyuma ntacitwazo cabo kizoba kiriho atari uko bazovuga bati:- turarahiye kw’izina ry’Imana, Muremyi wacu ntituzoba abagereranyi b’Imana hamwe n’ibindi bintu

Ayah 23

ٱنظُرۡ كَيۡفَ كَذَبُواْ عَلَىٰٓ أَنفُسِهِمۡۚ وَضَلَّ عَنۡهُم مَّا كَانُواْ يَفۡتَرُونَ

Nurabe ingene babesha hejuru y’imitima yabo, none batakaje ivyo bahora badukana navyo

Ayah 24

وَمِنۡهُم مَّن يَسۡتَمِعُ إِلَيۡكَۖ وَجَعَلۡنَا عَلَىٰ قُلُوبِهِمۡ أَكِنَّةً أَن يَفۡقَهُوهُ وَفِيٓ ءَاذَانِهِمۡ وَقۡرࣰ اۚ وَإِن يَرَوۡاْ كُلَّ ءَايَةࣲ لَّا يُؤۡمِنُواْ بِهَاۖ حَتَّىٰٓ إِذَا جَآءُوكَ يُجَٰدِلُونَكَ يَقُولُ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ إِنۡ هَٰذَآ إِلَّآ أَسَٰطِيرُ ٱلۡأَوَّلِينَ

Harimwo muribo abakwumviriza natwe twashizeho inzitizi mumitima yabo, kugira ngo ntibaze bayamenye ayo majambo bumva, kandi nuko hari uruzitiro ruri mumatwi yabo, rero babonye ivyemezo vyacu ntiba vyemera naho baje guharira na wewe bamwe bahakanye Imana yabo y’ukuri baca bavuga bati:- ibi vyose nta nakimwe kirimwo atari imigani gusa y’abantu bakera

Ayah 25

وَهُمۡ يَنۡهَوۡنَ عَنۡهُ وَيَنۡـَٔوۡنَ عَنۡهُۖ وَإِن يُهۡلِكُونَ إِلَّآ أَنفُسَهُمۡ وَمَا يَشۡعُرُونَ

Nabo batuza ibi vyose, n’ukwishira kure yavyo, nabo ntibahonya atari imitima yabo gusa nabo batabizi

Ayah 26

وَلَوۡ تَرَىٰٓ إِذۡ وُقِفُواْ عَلَى ٱلنَّارِ فَقَالُواْ يَٰلَيۡتَنَا نُرَدُّ وَلَا نُكَذِّبَ بِـَٔايَٰتِ رَبِّنَا وَنَكُونَ مِنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ

Iyo ubona mugihe bazohagarikwa kumuriro udahera, bavuga bati:- iyo dusubizwa kw’Isi ntituze dusubire guhakana amajambo y’Umuremyi wacu matagatifu, kandi tuzoba turi mubantu bemera Imana y’ukuri

Ayah 27

بَلۡ بَدَا لَهُم مَّا كَانُواْ يُخۡفُونَ مِن قَبۡلُۖ وَلَوۡ رُدُّواْ لَعَادُواْ لِمَا نُهُواْ عَنۡهُ وَإِنَّهُمۡ لَكَٰذِبُونَ

Ahubwo vyarabonetse kuribo kuvyo bahora banyegeza kuva kera, rero iyo basubizwa ntankeka bari bari gasubira kugira bimwe babuzwa kandi ntankeka kandi kuribo ntankeka n’ababeshi gusa

Ayah 28

وَقَالُوٓاْ إِنۡ هِيَ إِلَّا حَيَاتُنَا ٱلدُّنۡيَا وَمَا نَحۡنُ بِمَبۡعُوثِينَ

Bavuze bati:-ntabindi bihari atari ubu buzima bwo ng’aha kw’Isi, kandi natwe ntituzozurwa

Ayah 29

وَلَوۡ تَرَىٰٓ إِذۡ وُقِفُواْ عَلَىٰ رَبِّهِمۡۚ قَالَ أَلَيۡسَ هَٰذَا بِٱلۡحَقِّۚ قَالُواْ بَلَىٰ وَرَبِّنَاۚ قَالَ فَذُوقُواْ ٱلۡعَذَابَ بِمَا كُنتُمۡ تَكۡفُرُونَ

Iyo yobonye mugihe bazohagarikwa imbere y’Umuremyi wabo, nayo ibabwira iti:- mbega ibi sivy’ukuri? Nabo bishura bati:- ni kuki twebwe turahira kw’izina ry’Umuremyi wacu? Nayo Imana izobishura iti:- nimuhonje ibihano kubera uguhakana kwanyu

Ayah 30

قَدۡ خَسِرَ ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِلِقَآءِ ٱللَّهِۖ حَتَّىٰٓ إِذَا جَآءَتۡهُمُ ٱلسَّاعَةُ بَغۡتَةࣰ قَالُواْ يَٰحَسۡرَتَنَا عَلَىٰ مَا فَرَّطۡنَا فِيهَا وَهُمۡ يَحۡمِلُونَ أَوۡزَارَهُمۡ عَلَىٰ ظُهُورِهِمۡۚ أَلَا سَآءَ مَا يَزِرُونَ

Ntankeka baramaze gushikirwa n’uruhombo bamwe bahakanye yuko batazohura n’Imana yabo kugeza aho bazoshikirwa giturumbuka nico gihe, baciye bavuga bati:- oh! amaganya yacu ari hejuru yabimwe twanegura, nabo bazokwikorera amatu yabo kumigongo yabo, rero nimurabe namwe ayo mabi bikoreye

Ayah 31

وَمَا ٱلۡحَيَوٰةُ ٱلدُّنۡيَآ إِلَّا لَعِبࣱ وَلَهۡوࣱۖ وَلَلدَّارُ ٱلۡأٓخِرَةُ خَيۡرࣱ لِّلَّذِينَ يَتَّقُونَۚ أَفَلَا تَعۡقِلُونَ

N’ubuzima bwo ng’aha kw’isi ntaco bumaze, ahubwo ni nk’urukino ata kintu kimaze, kandi ntankeka inzu yo mw’ijuru niyo nziza gusumba kuri barya batinya Imana yabo, mbega ibi vyose ntimubishira mubwenge bwanyu

Ayah 32

قَدۡ نَعۡلَمُ إِنَّهُۥ لَيَحۡزُنُكَ ٱلَّذِي يَقُولُونَۖ فَإِنَّهُمۡ لَا يُكَذِّبُونَكَ وَلَٰكِنَّ ٱلظَّٰلِمِينَ بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِ يَجۡحَدُونَ

Turazi yuko bigutera agahinda kuvyo bakuvugako, rero kuribo ntibabeshera wewe, mugabo abahemukiye imitima yabo nibo bahakana ivyemezo vy’Imana

Ayah 33

وَلَقَدۡ كُذِّبَتۡ رُسُلࣱ مِّن قَبۡلِكَ فَصَبَرُواْ عَلَىٰ مَا كُذِّبُواْ وَأُوذُواْ حَتَّىٰٓ أَتَىٰهُمۡ نَصۡرُنَاۚ وَلَا مُبَدِّلَ لِكَلِمَٰتِ ٱللَّهِۚ وَلَقَدۡ جَآءَكَ مِن نَّبَإِيْ ٱلۡمُرۡسَلِينَ

Mu vy’ukuri intumwa z’Imana zose zarahakanywe imbere yawe, mugabo bari hanganye kubera uko kutemerwa kwabo hamwe n’ugushavuzwa kwabo kugeza aho bashikirwa n’uburokoke bwacu, kandi ntawuhindura amajambo y’Imana, kandi ntankeka ziramaze kugushikira inkuru zizo ntumwa z’Imana

Ayah 34

وَإِن كَانَ كَبُرَ عَلَيۡكَ إِعۡرَاضُهُمۡ فَإِنِ ٱسۡتَطَعۡتَ أَن تَبۡتَغِيَ نَفَقࣰ ا فِي ٱلۡأَرۡضِ أَوۡ سُلَّمࣰ ا فِي ٱلسَّمَآءِ فَتَأۡتِيَهُم بِـَٔايَةࣲۚ وَلَوۡ شَآءَ ٱللَّهُ لَجَمَعَهُمۡ عَلَى ٱلۡهُدَىٰۚ فَلَا تَكُونَنَّ مِنَ ٱلۡجَٰهِلِينَ

Niwaba ubona yuko ari ibintu bikurengeye kukwiyonkora kwabo, nawe niwaba ushoboye kurondera inzira yo hasi na hasi kuri iy’Isi canke idugiro rikuduza mw’Ijuru, nukubazanira ivyemezo n’ibitangaro, rero iyo Imana ibishaka ntankeka yari kubegeranya muburongozi bwayo, rero ntube mubantu badafise ubumenyi

Ayah 35

۞إِنَّمَا يَسۡتَجِيبُ ٱلَّذِينَ يَسۡمَعُونَۘ وَٱلۡمَوۡتَىٰ يَبۡعَثُهُمُ ٱللَّهُ ثُمَّ إِلَيۡهِ يُرۡجَعُونَ

Abemera nibarya bumva, nabadashaka kwumva icarico cose Imana izo bazura hanyuma basubizwe iwe

Ayah 36

وَقَالُواْ لَوۡلَا نُزِّلَ عَلَيۡهِ ءَايَةࣱ مِّن رَّبِّهِۦۚ قُلۡ إِنَّ ٱللَّهَ قَادِرٌ عَلَىٰٓ أَن يُنَزِّلَ ءَايَةࣰ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ

Bavuga bati:- ni kuki ata manuriwe ibitangaro bivuye ku Muremyi wiwe? Vuga uti:- mu vy’ukuri Imana niyo nyene ubushobozi bwukumanura ibitangaro mugabo benshi muribo ntavyo bazi

Ayah 37

وَمَا مِن دَآبَّةࣲ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَلَا طَٰٓئِرࣲ يَطِيرُ بِجَنَاحَيۡهِ إِلَّآ أُمَمٌ أَمۡثَالُكُمۚ مَّا فَرَّطۡنَا فِي ٱلۡكِتَٰبِ مِن شَيۡءࣲۚ ثُمَّ إِلَىٰ رَبِّهِمۡ يُحۡشَرُونَ

Kandi ntagikoko kiri kuri iy’Isi, canke inyoni iguruka kumababa yayo abiri, atari uko ari ibiremwa vyinshi nkamwe, natwe ntitwirengagije mubiri mugitabu cacu kukintu icarico cose, hanyuma nibo bazokwegeranywa imbere y’Umuremyi wabo

Ayah 38

وَٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا صُمࣱّ وَبُكۡمࣱ فِي ٱلظُّلُمَٰتِۗ مَن يَشَإِ ٱللَّهُ يُضۡلِلۡهُ وَمَن يَشَأۡ يَجۡعَلۡهُ عَلَىٰ صِرَٰطࣲ مُّسۡتَقِيمࣲ‏

Nabamwe bahakanye ivyemezo vyacu nintumva n’ibiragi, kandi nabari mumwijima, uwurondera Imana yiwe y’ukuri iramureka agatakara, n’uwo yishakiye imushira munzira igororotse

Ayah 39

قُلۡ أَرَءَيۡتَكُمۡ إِنۡ أَتَىٰكُمۡ عَذَابُ ٱللَّهِ أَوۡ أَتَتۡكُمُ ٱلسَّاعَةُ أَغَيۡرَ ٱللَّهِ تَدۡعُونَ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ

Vuga uti:- nimumbwire nimwashikirwa n’ibihano vy’Imana, canke mushikirwa nayasaha yugushikirwa n’ibihano vy’umusi w’umuhero w’Isi, mbega muzo hamagara uwutari Imana ni mwaba mwebwe muvugisha ukuri

Ayah 40

بَلۡ إِيَّاهُ تَدۡعُونَ فَيَكۡشِفُ مَا تَدۡعُونَ إِلَيۡهِ إِن شَآءَ وَتَنسَوۡنَ مَا تُشۡرِكُونَ

Ahubwo niyo muzosaba, nayo ikazoba kurira ivyo mwayisavye ibishatse, kandi muzokwibagira abo mugereranya nabo n’ibindi bintu

Ayah 41

وَلَقَدۡ أَرۡسَلۡنَآ إِلَىٰٓ أُمَمࣲ مِّن قَبۡلِكَ فَأَخَذۡنَٰهُم بِٱلۡبَأۡسَآءِ وَٱلضَّرَّآءِ لَعَلَّهُمۡ يَتَضَرَّعُونَ

Mu vy’ukuri twararungitse ku bantu bamyeho imbere yawe, hanyuma tubashira mumananiza n’amakenga kugira ngo bashobore kugamburuka

Ayah 42

فَلَوۡلَآ إِذۡ جَآءَهُم بَأۡسُنَا تَضَرَّعُواْ وَلَٰكِن قَسَتۡ قُلُوبُهُمۡ وَزَيَّنَ لَهُمُ ٱلشَّيۡطَٰنُ مَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ

Nukubera iki bata gamburutse mugihe bashikirwa n’ibihano vyacu, mugabo imitima yabo yari ikomeye nk’urutare, nayo shetani irabashariza kuvyo bahora bagira

Ayah 43

فَلَمَّا نَسُواْ مَا ذُكِّرُواْ بِهِۦ فَتَحۡنَا عَلَيۡهِمۡ أَبۡوَٰبَ كُلِّ شَيۡءٍ حَتَّىٰٓ إِذَا فَرِحُواْ بِمَآ أُوتُوٓاْ أَخَذۡنَٰهُم بَغۡتَةࣰ فَإِذَا هُم مُّبۡلِسُونَ

Mugihe batitayeho kuvyo bahora bibutswa, twaciye tubugurira imiryango y’ibintu vyose kugeza naho banezerezwa nivyo bahawe, aho niho twabafata giturumbuka nuguca bihebura

Ayah 44

فَقُطِعَ دَابِرُ ٱلۡقَوۡمِ ٱلَّذِينَ ظَلَمُواْۚ وَٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Haciwe imizi y’abantu bahemukiye imitima yabo, nihayagizwa ryose ryiza ni ry’Imana Umuremyi w’ibiremwa vyose

Ayah 45

قُلۡ أَرَءَيۡتُمۡ إِنۡ أَخَذَ ٱللَّهُ سَمۡعَكُمۡ وَأَبۡصَٰرَكُمۡ وَخَتَمَ عَلَىٰ قُلُوبِكُم مَّنۡ إِلَٰهٌ غَيۡرُ ٱللَّهِ يَأۡتِيكُم بِهِۗ ٱنظُرۡ كَيۡفَ نُصَرِّفُ ٱلۡأٓيَٰتِ ثُمَّ هُمۡ يَصۡدِفُونَ

Vuga uti:- nimumbwire yuko Imana ibakuriye uko kwumva kwanyu n’ukubona kwanyu n’ugukubita ibidodo kumitima yanyu, ni iyihe Mana atari Imana ishoboye kubazanira ibindi bintu, rero nurabe ingene dusigura aya majambo y’Imana matagatifu, hanyuma nabo bakayakengera

Ayah 46

قُلۡ أَرَءَيۡتَكُمۡ إِنۡ أَتَىٰكُمۡ عَذَابُ ٱللَّهِ بَغۡتَةً أَوۡ جَهۡرَةً هَلۡ يُهۡلَكُ إِلَّا ٱلۡقَوۡمُ ٱلظَّٰلِمُونَ

Vuga uti:- nimumbwire yuko nimwashikirwa giturumbuka n’ibihano vy’Imana canke bikabashikira imbona nkubone, none nibande bazohonywa atari abahemukiye imitima yabo gusa

Ayah 47

وَمَا نُرۡسِلُ ٱلۡمُرۡسَلِينَ إِلَّا مُبَشِّرِينَ وَمُنذِرِينَۖ فَمَنۡ ءَامَنَ وَأَصۡلَحَ فَلَا خَوۡفٌ عَلَيۡهِمۡ وَلَا هُمۡ يَحۡزَنُونَ

Natwe ntiturungika intumwa z’Imana atari uko ari abatanzi b’ubutumwa bwiza kandi ari abantu batuza n’ukwemera Imana yabo y’ukuri n’ukugira ibikorwa vyiza niho hatazoba ubwoba kuribo, kandi ntibazo teterwa

Ayah 48

وَٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا يَمَسُّهُمُ ٱلۡعَذَابُ بِمَا كَانُواْ يَفۡسُقُونَ

Na bamwe bahakanye amajambo yacu matagatifu bazokorwako n’ibihano vyacu kubera ubwiyonkore bwabo

Ayah 49

قُل لَّآ أَقُولُ لَكُمۡ عِندِي خَزَآئِنُ ٱللَّهِ وَلَآ أَعۡلَمُ ٱلۡغَيۡبَ وَلَآ أَقُولُ لَكُمۡ إِنِّي مَلَكٌۖ إِنۡ أَتَّبِعُ إِلَّا مَا يُوحَىٰٓ إِلَيَّۚ قُلۡ هَلۡ يَسۡتَوِي ٱلۡأَعۡمَىٰ وَٱلۡبَصِيرُۚ أَفَلَا تَتَفَكَّرُونَ

Vuga uti:- Jewe sindababwira yuko mfise ububiko bw’Imana, canke ngo ndafise ubumenyi bw’amabanga y’Imana, kandi sindababwira yuko jewe ndi Umumarayika, jewe sinkurikira atari kuvyo nahawe kuri jewe, rero nuvuge uti:- mbega impumyi hamwe n’uwubona barangana? Mbega ntimutegera

Ayah 50

وَأَنذِرۡ بِهِ ٱلَّذِينَ يَخَافُونَ أَن يُحۡشَرُوٓاْ إِلَىٰ رَبِّهِمۡ لَيۡسَ لَهُم مِّن دُونِهِۦ وَلِيࣱّ وَلَا شَفِيعࣱ لَّعَلَّهُمۡ يَتَّقُونَ

Kandi ubatuze ukoresheje iyi Qur’ani ntagatifu kuri barya bantu batinya yuko bazokwegeranywa k’Umuremyi wabo mugihe badafise uwubakingira n’umwe atari Imana yonyene gusa, canke uwuzoba sabira kugira ngo bashobore kuyigamburukira

Ayah 51

وَلَا تَطۡرُدِ ٱلَّذِينَ يَدۡعُونَ رَبَّهُم بِٱلۡغَدَوٰةِ وَٱلۡعَشِيِّ يُرِيدُونَ وَجۡهَهُۥۖ مَا عَلَيۡكَ مِنۡ حِسَابِهِم مِّن شَيۡءࣲ وَمَا مِنۡ حِسَابِكَ عَلَيۡهِم مِّن شَيۡءࣲ فَتَطۡرُدَهُمۡ فَتَكُونَ مِنَ ٱلظَّٰلِمِينَ

Kandi ntubirukane bamwe basenga Umuremyi wabo mugitondo no kumugoroba barondera impuhwe zayo, kandi si kuri wewe kugira ibiharuro hejuru yabo namba canke kugira igiharuro kuri wewe, kandi si kuribo namba, naho wobirukana uzoba uri mu bantu bahemukiye imitima yabo

Ayah 52

وَكَذَٰلِكَ فَتَنَّا بَعۡضَهُم بِبَعۡضࣲ لِّيَقُولُوٓاْ أَهَٰٓؤُلَآءِ مَنَّ ٱللَّهُ عَلَيۡهِم مِّنۢ بَيۡنِنَآۗ أَلَيۡسَ ٱللَّهُ بِأَعۡلَمَ بِٱلشَّٰكِرِينَ

Uku niko twahaye ibibazo bamwe muribo n’abandi kugira ngo bavuge bati:- mbega abo nibo Imana yagiriye impuhwe muri twebwe, mbega Imana ntibazi abantu bayishimira

Ayah 53

وَإِذَا جَآءَكَ ٱلَّذِينَ يُؤۡمِنُونَ بِـَٔايَٰتِنَا فَقُلۡ سَلَٰمٌ عَلَيۡكُمۡۖ كَتَبَ رَبُّكُمۡ عَلَىٰ نَفۡسِهِ ٱلرَّحۡمَةَ أَنَّهُۥ مَنۡ عَمِلَ مِنكُمۡ سُوٓءَۢا بِجَهَٰلَةࣲ ثُمَّ تَابَ مِنۢ بَعۡدِهِۦ وَأَصۡلَحَ فَأَنَّهُۥ غَفُورࣱ رَّحِيمࣱ‏

Bashitse bamwe bemera amajambo yacu y’ukuri ubabwire uti:- amahoro y’Imana abe kuri mwebwe, kuko Umuremyi wanyu yigoye mukuba shikiriza imigisha yuko uwuzo gira muri mwebwe amabi ayariyo yose atabifitiye ubumenyi hanyuma agasaba ikigongwe munyuma yivyo yagize agaca agira ibikorwa vyiza, nuko Imana izomu hanagurira ibicumuro vyiwe kuko niyo ifise imbabazi hamwe n’imigisha myinshi ihagije

Ayah 54

وَكَذَٰلِكَ نُفَصِّلُ ٱلۡأٓيَٰتِ وَلِتَسۡتَبِينَ سَبِيلُ ٱلۡمُجۡرِمِينَ

Uku niko tumenyesha aya majambo y’Imana matagatifu kugira ngo inzira y’abononyi imenyekane

Ayah 55

قُلۡ إِنِّي نُهِيتُ أَنۡ أَعۡبُدَ ٱلَّذِينَ تَدۡعُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِۚ قُل لَّآ أَتَّبِعُ أَهۡوَآءَكُمۡ قَدۡ ضَلَلۡتُ إِذࣰ ا وَمَآ أَنَا۠ مِنَ ٱلۡمُهۡتَدِينَ

Vuga uti:- Jewe narabujijwe gusenga bamwe mwebwe musenga bihushanije n’Imana y’ukuri, wewe vuga uti:- Jewe sinkurikira ivyo mwebwe mwipfuza kuko ngaho noba nazimiye, kandi sinzoba ndi mu bantu barokotse

Ayah 56

قُلۡ إِنِّي عَلَىٰ بَيِّنَةࣲ مِّن رَّبِّي وَكَذَّبۡتُم بِهِۦۚ مَا عِندِي مَا تَسۡتَعۡجِلُونَ بِهِۦٓۚ إِنِ ٱلۡحُكۡمُ إِلَّا لِلَّهِۖ يَقُصُّ ٱلۡحَقَّۖ وَهُوَ خَيۡرُ ٱلۡفَٰصِلِينَ

Vuga uti:- Jewe ndafise ivyemezo biri k’umugaragaro bivuye ku Muremyi wanje, namwe mwarayahakanye aya majambo, rero jewe ntaco mfise muvyo mushaka vyihutirwa, kandi ntarubanza ruriho atari urubanza rw’Imana gusa, kuko ariyo ivugisha amajambo y’ukuri gusa, nayo niyo nziza gusumba abandi bacamanza bose

Ayah 57

قُل لَّوۡ أَنَّ عِندِي مَا تَسۡتَعۡجِلُونَ بِهِۦ لَقُضِيَ ٱلۡأَمۡرُ بَيۡنِي وَبَيۡنَكُمۡۗ وَٱللَّهُ أَعۡلَمُ بِٱلظَّٰلِمِينَ

Vuga uti:- iyomba mfise muvyo mushaka vyihutirwa, urwo rubanza rwari guhera hagati yanje namwe, n’Imana niyo ifise ubumenyi bwabahemukiye imitima yabo

Ayah 58

۞وَعِندَهُۥ مَفَاتِحُ ٱلۡغَيۡبِ لَا يَعۡلَمُهَآ إِلَّا هُوَۚ وَيَعۡلَمُ مَا فِي ٱلۡبَرِّ وَٱلۡبَحۡرِۚ وَمَا تَسۡقُطُ مِن وَرَقَةٍ إِلَّا يَعۡلَمُهَا وَلَا حَبَّةࣲ فِي ظُلُمَٰتِ ٱلۡأَرۡضِ وَلَا رَطۡبࣲ وَلَا يَابِسٍ إِلَّا فِي كِتَٰبࣲ مُّبِينࣲ‏

Impfunguruzo z’amabanga yose ziri iwe, kandi ntawufise ubumenyi bwazo atari yo yonyene gusa, kandi niyo ifise ubumenyi bw’ibiri kw’Isi no mubiyaga, kandi ntihakoroka ibabi ry’igiti atari uko yarimenye, canke urutete rukorokeye mu mwijima ng’aha kw’Isi, canke icatewe n’intabire canke icumye, nuko kiri mu gitabu cerekana ibintu vyose

Ayah 59

وَهُوَ ٱلَّذِي يَتَوَفَّىٰكُم بِٱلَّيۡلِ وَيَعۡلَمُ مَا جَرَحۡتُم بِٱلنَّهَارِ ثُمَّ يَبۡعَثُكُمۡ فِيهِ لِيُقۡضَىٰٓ أَجَلࣱ مُّسَمࣰّ ىۖ ثُمَّ إِلَيۡهِ مَرۡجِعُكُمۡ ثُمَّ يُنَبِّئُكُم بِمَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ

Nayo niyo ibica mw’Ijoro, kandi ikaba ifise ubumenyi bw’ivyo mwagize k’umurango, hanyuma niyo izoba zura muri uwo murango nyene kubera umwanya wagenywe w’ukubaho kwanyu guhere, hanyuma iwe gusa niho hari ingaruka yanyu hanyuma ize ibabwire ivyo mwahora mugira

Ayah 60

وَهُوَ ٱلۡقَاهِرُ فَوۡقَ عِبَادِهِۦۖ وَيُرۡسِلُ عَلَيۡكُمۡ حَفَظَةً حَتَّىٰٓ إِذَا جَآءَ أَحَدَكُمُ ٱلۡمَوۡتُ تَوَفَّتۡهُ رُسُلُنَا وَهُمۡ لَا يُفَرِّطُونَ

Niyo nyene intsinzi iri hejuru y’abantu bayo bose, nayo ikabazanira ababakingira kugeza naho umwe muri mwebwe azoshikirwa n’urupfu n’intumwa zacu nizo zimwica, nazo ntaco zigabanya muri ivyo

Ayah 61

ثُمَّ رُدُّوٓاْ إِلَى ٱللَّهِ مَوۡلَىٰهُمُ ٱلۡحَقِّۚ أَلَا لَهُ ٱلۡحُكۡمُ وَهُوَ أَسۡرَعُ ٱلۡحَٰسِبِينَ

Hanyuma bazo subizwa ku Mana Umuremyi wabo w’ukuri, rero ni mwumvirize namwe intahe nirwiwe, kandi niyo yoroshe gusumba bose muguharura

Ayah 62

قُلۡ مَن يُنَجِّيكُم مِّن ظُلُمَٰتِ ٱلۡبَرِّ وَٱلۡبَحۡرِ تَدۡعُونَهُۥ تَضَرُّعࣰ ا وَخُفۡيَةࣰ لَّئِنۡ أَنجَىٰنَا مِنۡ هَٰذِهِۦ لَنَكُونَنَّ مِنَ ٱلشَّٰكِرِينَ

Vuga uti:- ni nde abarokora mumwijima wo ng’aha kw’isi canke uwo mubiyaga, namwe muyisaba n’ubwitonzi ntangere no kw’ijwi ryo hasi muvuga muti:- niwaturokora muri izi ngorane turimwo ntankeka tuzoba turi mubantu bashima

Ayah 63

قُلِ ٱللَّهُ يُنَجِّيكُم مِّنۡهَا وَمِن كُلِّ كَرۡبࣲ ثُمَّ أَنتُمۡ تُشۡرِكُونَ

Vuga uti:- Imana yama ibarokora kuri ivyo no kuzindi ngorane, hanyuma ni mwebwe muyigereranya n’ibindi bintu

Ayah 64

قُلۡ هُوَ ٱلۡقَادِرُ عَلَىٰٓ أَن يَبۡعَثَ عَلَيۡكُمۡ عَذَابࣰ ا مِّن فَوۡقِكُمۡ أَوۡ مِن تَحۡتِ أَرۡجُلِكُمۡ أَوۡ يَلۡبِسَكُمۡ شِيَعࣰ ا وَيُذِيقَ بَعۡضَكُم بَأۡسَ بَعۡضٍۗ ٱنظُرۡ كَيۡفَ نُصَرِّفُ ٱلۡأٓيَٰتِ لَعَلَّهُمۡ يَفۡقَهُونَ

Vuga uti:- niyo nyene ubushobozi bwukubazanira ibihano bivuye hejuru yanyu canke bivuye munsi y’amaguru yanyu, canke ikaba hindagurira mukaba imirwi itumvikana, nuwushoboye kubahonjesha bamwe muri mwebwe ubwishime bw’abandi, namwe nimurabe ingene tubamenyesha aya majambo y’Imana matagatifu kugira ngo bashobore gutegera neza

Ayah 65

وَكَذَّبَ بِهِۦ قَوۡمُكَ وَهُوَ ٱلۡحَقُّۚ قُل لَّسۡتُ عَلَيۡكُم بِوَكِيلࣲ‏

N’abantu bawe barayihakanye iyi Qur’ani ntagatifu kandi nayo ari iy’ukuri, wewe vuga uti:- jewe si ndi mubareretsi kuribo

Ayah 66

لِّكُلِّ نَبَإࣲ مُّسۡتَقَرࣱّۚ وَسَوۡفَ تَعۡلَمُونَ

Inkuru izarizo zose zirafise igihe cazo, n’ubu vuba muzo zimenya

Ayah 67

وَإِذَا رَأَيۡتَ ٱلَّذِينَ يَخُوضُونَ فِيٓ ءَايَٰتِنَا فَأَعۡرِضۡ عَنۡهُمۡ حَتَّىٰ يَخُوضُواْ فِي حَدِيثٍ غَيۡرِهِۦۚ وَإِمَّا يُنسِيَنَّكَ ٱلشَّيۡطَٰنُ فَلَا تَقۡعُدۡ بَعۡدَ ٱلذِّكۡرَىٰ مَعَ ٱلۡقَوۡمِ ٱلظَّٰلِمِينَ

Ubabonye bamwe batyoza aya majambo y’Imana matagatifu, wewe ntubiteho kugeza aho baganira ayandi majambo niyaba Shetani izo kwibagiza, rero munyuma y’ukwibuka ntiwicarane nabo bantu bahemukiye imitima yabo

Ayah 68

وَمَا عَلَى ٱلَّذِينَ يَتَّقُونَ مِنۡ حِسَابِهِم مِّن شَيۡءࣲ وَلَٰكِن ذِكۡرَىٰ لَعَلَّهُمۡ يَتَّقُونَ

Kandi sikuri barya bagamburukira Imana yabo y’ukuri kubiharuro vyabo na gatoyi, mugabo n’ubutumwa kugira ngo bashobore kwikingira nugutinya

Ayah 69

وَذَرِ ٱلَّذِينَ ٱتَّخَذُواْ دِينَهُمۡ لَعِبࣰ ا وَلَهۡوࣰ ا وَغَرَّتۡهُمُ ٱلۡحَيَوٰةُ ٱلدُّنۡيَاۚ وَذَكِّرۡ بِهِۦٓ أَن تُبۡسَلَ نَفۡسُۢ بِمَا كَسَبَتۡ لَيۡسَ لَهَا مِن دُونِ ٱللَّهِ وَلِيࣱّ وَلَا شَفِيعࣱ وَإِن تَعۡدِلۡ كُلَّ عَدۡلࣲ لَّا يُؤۡخَذۡ مِنۡهَآۗ أُوْلَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ أُبۡسِلُواْ بِمَا كَسَبُواْۖ لَهُمۡ شَرَابࣱ مِّنۡ حَمِيمࣲ وَعَذَابٌ أَلِيمُۢ بِمَا كَانُواْ يَكۡفُرُونَ

Nubareke bamwe bayigize yuko ari urukino nukutitaho kw’idini ryabo bakaba barahenzwe n’ubuzima bw’Isi, rero n’ubibutse yuko ntihaze hashike aho umutima w’umuntu uzohonywa kubera ivyo wagize, kuko ntawuzo kingira uwo mutima canke uwuzo wusabira uwariwe wese imbere y’Imana, naho uwo mutima wotanga ingwati y’ibintu bimeze gute ntuzo kwemererwa, abo nibo bantu bahonejwe kubera ivyo bakoze, kandi nibo bazoronswa ibinyobwa vy’amazi y’amarike hamwe n’ibihano bibabaza cane kubera ubuhakanyi bwabo

Ayah 70

قُلۡ أَنَدۡعُواْ مِن دُونِ ٱللَّهِ مَا لَا يَنفَعُنَا وَلَا يَضُرُّنَا وَنُرَدُّ عَلَىٰٓ أَعۡقَابِنَا بَعۡدَ إِذۡ هَدَىٰنَا ٱللَّهُ كَٱلَّذِي ٱسۡتَهۡوَتۡهُ ٱلشَّيَٰطِينُ فِي ٱلۡأَرۡضِ حَيۡرَانَ لَهُۥٓ أَصۡحَٰبࣱ يَدۡعُونَهُۥٓ إِلَى ٱلۡهُدَى ٱئۡتِنَاۗ قُلۡ إِنَّ هُدَى ٱللَّهِ هُوَ ٱلۡهُدَىٰۖ وَأُمِرۡنَا لِنُسۡلِمَ لِرَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Vuga uti:- mbega dusenge ibatari Imana ata nyungu biduha, canke bidashobora kutugirira inabi iyariyo yose biteko bidusibuze inyuma mumyuma yaho Imana imaze kuturongora neza hamwe narya mashetani yazimiye atayataya ng’aha kw’Isi, nabo barafise abagenzi babahamagarira muburokoke, bavuga bati:- nimuze iwacu nawewe nubishure uti:- uburongozi nyakuri n’uburongozi bw’Imana, kuko dutegetswe kugamburukira Imana ariyo Muremyi w’ibiremwa vyose

Ayah 71

وَأَنۡ أَقِيمُواْ ٱلصَّلَوٰةَ وَٱتَّقُوهُۚ وَهُوَ ٱلَّذِيٓ إِلَيۡهِ تُحۡشَرُونَ

Nimuhagarike amasengesho yanyu, kandi mugamburukire Imana yonyene, nayo iwe niyo muzokwegeranywa

Ayah 72

وَهُوَ ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ بِٱلۡحَقِّۖ وَيَوۡمَ يَقُولُ كُن فَيَكُونُۚ قَوۡلُهُ ٱلۡحَقُّۚ وَلَهُ ٱلۡمُلۡكُ يَوۡمَ يُنفَخُ فِي ٱلصُّورِۚ عَٰلِمُ ٱلۡغَيۡبِ وَٱلشَّهَٰدَةِۚ وَهُوَ ٱلۡحَكِيمُ ٱلۡخَبِيرُ

Nayo niyo yaremye Amajuru n’Isi bimwe vy’ukuri, n’igihe ivugiye yuko ikintu kiba, gica kiba ubwo nyene, ijambo ryayo niryo ry’ukuri, n’ubwami bwose nirwayo bw’umusi hazovuzwa inzamba y’uwufise umumenyi w’amabanga n’ibiri k’umugaragaro, nayo niyo nyene ubuhizi n’uwufise amakuru y’ibintu vyose

Ayah 73

۞وَإِذۡ قَالَ إِبۡرَٰهِيمُ لِأَبِيهِ ءَازَرَ أَتَتَّخِذُ أَصۡنَامًا ءَالِهَةً إِنِّيٓ أَرَىٰكَ وَقَوۡمَكَ فِي ضَلَٰلࣲ مُّبِينࣲ‏

N’intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) igihe yabwira Se wiwe Aazar ati:- wagize amasanamu kuba amamana? Mu vy’ukuri jewe ndakubona yuko wewe hamwe n’abantu bawe muri mubuzimire buri k’umugaragaro

Ayah 74

وَكَذَٰلِكَ نُرِيٓ إِبۡرَٰهِيمَ مَلَكُوتَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَلِيَكُونَ مِنَ ٱلۡمُوقِنِينَ

Uku niko twamweretse intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) ubwami bw’Ijuru n’Isi, kugira ngo abe mu bantu bicizero c’ukuri

Ayah 75

فَلَمَّا جَنَّ عَلَيۡهِ ٱلَّيۡلُ رَءَا كَوۡكَبࣰ اۖ قَالَ هَٰذَا رَبِّيۖ فَلَمَّآ أَفَلَ قَالَ لَآ أُحِبُّ ٱلۡأٓفِلِينَ

N’igihe ijoro ryatera yaciye abona inyenyeri, aca avuga ati:- uyu niwe Muremyi wanje, bugorovye naho yaciye avuga ati:- jewe sinkunda ibizimangana

Ayah 76

فَلَمَّا رَءَا ٱلۡقَمَرَ بَازِغࣰ ا قَالَ هَٰذَا رَبِّيۖ فَلَمَّآ أَفَلَ قَالَ لَئِن لَّمۡ يَهۡدِنِي رَبِّي لَأَكُونَنَّ مِنَ ٱلۡقَوۡمِ ٱلضَّآلِّينَ

Mugihe yabona ukwezi guserutse yavuze ati:- uyu niwe Muremyi wanje, n’igihe bwagoroba yaciye avuga ati:- Umuremyi wanje atandongoye ntankeka nzoba ndi mubantu bazimiye

Ayah 77

فَلَمَّا رَءَا ٱلشَّمۡسَ بَازِغَةࣰ قَالَ هَٰذَا رَبِّي هَٰذَآ أَكۡبَرُۖ فَلَمَّآ أَفَلَتۡ قَالَ يَٰقَوۡمِ إِنِّي بَرِيٓءࣱ مِّمَّا تُشۡرِكُونَ

Mugihe yabona izuba riserutse yaciye avuga ati:- iri zuba niryo Muremyi wanje, uyu niwe Muremyi wanje mukuru cane, mugihe naryo ryagoroba yaciye avuga ati:- emwe bantu banje, jewe sindi muri ivyo mugereranya ko Imana y’ukuri n’ibindi bintu

Ayah 78

إِنِّي وَجَّهۡتُ وَجۡهِيَ لِلَّذِي فَطَرَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ حَنِيفࣰ اۖ وَمَآ أَنَا۠ مِنَ ٱلۡمُشۡرِكِينَ

Jewe ntumbereje amaso yanje kuwaremye Amajuru yose n’Isi mugihe naretse idini y’ubuzimire, jewe sindi mubantu bagereranya Imana n’ibindi bintu

Ayah 79

وَحَآجَّهُۥ قَوۡمُهُۥۚ قَالَ أَتُحَٰٓجُّوٓنِّي فِي ٱللَّهِ وَقَدۡ هَدَىٰنِۚ وَلَآ أَخَافُ مَا تُشۡرِكُونَ بِهِۦٓ إِلَّآ أَن يَشَآءَ رَبِّي شَيۡـࣰٔ اۚ وَسِعَ رَبِّي كُلَّ شَيۡءٍ عِلۡمًاۚ أَفَلَا تَتَذَكَّرُونَ

N’abantu biwe barahariye nawe ababwira ati:- mbega mumbaza hejuru y’Imana mugihe ariyo yandongoye? Kandi sintinya abo mugereranya nayo dukuyemwo Umuremyi wanje ashatse yuko ijambo riba rica riba, Umuremyi wanje niwe afise ubumenyi bw’ibintu vyose, mbega mwebwe ntimutegera ubutumwa bw’Imana

Ayah 80

وَكَيۡفَ أَخَافُ مَآ أَشۡرَكۡتُمۡ وَلَا تَخَافُونَ أَنَّكُمۡ أَشۡرَكۡتُم بِٱللَّهِ مَا لَمۡ يُنَزِّلۡ بِهِۦ عَلَيۡكُمۡ سُلۡطَٰنࣰ اۚ فَأَيُّ ٱلۡفَرِيقَيۡنِ أَحَقُّ بِٱلۡأَمۡنِۖ إِن كُنتُمۡ تَعۡلَمُونَ

Mbega nobatinya gute abo bantu mugereraniza ko Imana mugihe mwebwe mudatinya kuyigereraniza ko ikintu atamanuriye ko ivyemezo kuri mwebwe, none n’uwuhe murwi muri iyi mirwi ibiri yemejwe gusumba mukuronka amahoro nimwaba mufise ubumenyi bw’ibintu

Ayah 81

ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَلَمۡ يَلۡبِسُوٓاْ إِيمَٰنَهُم بِظُلۡمٍ أُوْلَٰٓئِكَ لَهُمُ ٱلۡأَمۡنُ وَهُم مُّهۡتَدُونَ

Bamwe bemeye Imana yabo y’ukuri bakaba batateranije ukwemera kwabo hamwe n’ubugereranyi bw’Imana n’ibindi bintu yuko aribo bazoronka amahoro, abo nibo barongotse

Ayah 82

وَتِلۡكَ حُجَّتُنَآ ءَاتَيۡنَٰهَآ إِبۡرَٰهِيمَ عَلَىٰ قَوۡمِهِۦۚ نَرۡفَعُ دَرَجَٰتࣲ مَّن نَّشَآءُۗ إِنَّ رَبَّكَ حَكِيمٌ عَلِيمࣱ‏

Ibi nivyo vyemezo vyacu twahaye intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) hejuru y’abantu biwe, natwe twaramureruye k’ubutegetsi kuwo twishakiye, mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe nyene ubuhizi n’ubumenyi buhagije

Ayah 83

وَوَهَبۡنَا لَهُۥٓ إِسۡحَٰقَ وَيَعۡقُوبَۚ كُلًّا هَدَيۡنَاۚ وَنُوحًا هَدَيۡنَا مِن قَبۡلُۖ وَمِن ذُرِّيَّتِهِۦ دَاوُۥدَ وَسُلَيۡمَٰنَ وَأَيُّوبَ وَيُوسُفَ وَمُوسَىٰ وَهَٰرُونَۚ وَكَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُحۡسِنِينَ

Twaramuhaye intumwa y’Imana Ishaaqa (iii) n’intumwa y’Imana Ya’aqubu (iii) turabarongora hamwe n’intumwa y’Imana Nuuhun (iii) twaramurongoye kuva kera no muruvyaro rw’intumwa y’Imana Daawuudi (iii) n’intumwa y’Imana Sulaymaanu (iii) n’intumwa y’Imana Ayyubu (iii) n’intumwa y’Imana Yuusufu (iii) n’intumwa y’Imana Muussa (iii) n’intumwa y’Imana Haruuna (iii), uku niko duhemba abagira ineza

Ayah 84

وَزَكَرِيَّا وَيَحۡيَىٰ وَعِيسَىٰ وَإِلۡيَاسَۖ كُلࣱّ مِّنَ ٱلصَّٰلِحِينَ

N’intumwa y’Imana Zakariyya (iii) n’intumwa y’Imana Yahyaa (iii) hamwe n’intumwa y’Imana Iisa mwene Mariyamu (iii) hamwe na Elyaasi (iii) bose bari mu bantu beranda

Ayah 85

وَإِسۡمَٰعِيلَ وَٱلۡيَسَعَ وَيُونُسَ وَلُوطࣰ اۚ وَكُلࣰّ ا فَضَّلۡنَا عَلَى ٱلۡعَٰلَمِينَ

N’intumwa y’Imana Ismaaiili hamwe n’intumwa y’Imana Al’yasaa (iii) n’intumwa y’Imana Yuunusu (iii) n’intumwa y’Imana Luutwi (iii), nabo bose twarabateye iteka hejuru y’abantu bose

Ayah 86

وَمِنۡ ءَابَآئِهِمۡ وَذُرِّيَّٰتِهِمۡ وَإِخۡوَٰنِهِمۡۖ وَٱجۡتَبَيۡنَٰهُمۡ وَهَدَيۡنَٰهُمۡ إِلَىٰ صِرَٰطࣲ مُّسۡتَقِيمࣲ‏

Nabamwe mubavyeyi babo n’uruvyaro rwabo na bene babo, twarabarongoye nukuba tora nukuba rongora munzira igororotse

Ayah 87

ذَٰلِكَ هُدَى ٱللَّهِ يَهۡدِي بِهِۦ مَن يَشَآءُ مِنۡ عِبَادِهِۦۚ وَلَوۡ أَشۡرَكُواْ لَحَبِطَ عَنۡهُم مَّا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ

Ubwo nibwo burongozi bw’Imana, kuribwo rero irongora uwo yishakiye mu bantu bayo, rero iyo bayigereranya n’ibindi bintu ntankeka bari kwononekerwa kuvyo bahora bagira

Ayah 88

أُوْلَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ ءَاتَيۡنَٰهُمُ ٱلۡكِتَٰبَ وَٱلۡحُكۡمَ وَٱلنُّبُوَّةَۚ فَإِن يَكۡفُرۡ بِهَا هَٰٓؤُلَآءِ فَقَدۡ وَكَّلۡنَا بِهَا قَوۡمࣰ ا لَّيۡسُواْ بِهَا بِكَٰفِرِينَ

Abo nibo bantu twahaye ibitabu n’intahe hamwe n’ubutumwa bw’Imana, nihaba abo bagereranyi b’Imana barahakanye ubwo butumwa bw’Imana, turamaze kubabikira abantu batazo kwanka ubwo butumwa bw’Imana

Ayah 89

أُوْلَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ هَدَى ٱللَّهُۖ فَبِهُدَىٰهُمُ ٱقۡتَدِهۡۗ قُل لَّآ أَسۡـَٔلُكُمۡ عَلَيۡهِ أَجۡرًاۖ إِنۡ هُوَ إِلَّا ذِكۡرَىٰ لِلۡعَٰلَمِينَ

Abo nibo Imana yarongoye, nawe n’ukurikire uburongozi bwabo, hanyuma uvuge uti:- jewe ntampembo ndabasaba kuri ivyo, kuko ntivyari kuba ibi vyose atari uko ari ubutumwa bw’abantu bose

Ayah 90

وَمَا قَدَرُواْ ٱللَّهَ حَقَّ قَدۡرِهِۦٓ إِذۡ قَالُواْ مَآ أَنزَلَ ٱللَّهُ عَلَىٰ بَشَرࣲ مِّن شَيۡءࣲۗ قُلۡ مَنۡ أَنزَلَ ٱلۡكِتَٰبَ ٱلَّذِي جَآءَ بِهِۦ مُوسَىٰ نُورࣰ ا وَهُدࣰ ى لِّلنَّاسِۖ تَجۡعَلُونَهُۥ قَرَاطِيسَ تُبۡدُونَهَا وَتُخۡفُونَ كَثِيرࣰ اۖ وَعُلِّمۡتُم مَّا لَمۡ تَعۡلَمُوٓاْ أَنتُمۡ وَلَآ ءَابَآؤُكُمۡۖ قُلِ ٱللَّهُۖ ثُمَّ ذَرۡهُمۡ فِي خَوۡضِهِمۡ يَلۡعَبُونَ

Ntibagamburukiye Imana yabo y’ukuri nkuko vyategekanijwe mukuyigamburukira mugihe bavuga bati:- Imana ntaco yamanuye k’umuntu uwariwe wese, wewe vuga uti:- none ni nde yamanuye igitabu cazanywe n’intumwa y’Imana Muussa (iii)? Gifise umuco n’uburongozi ku bantu, mwagize ibigabane kubindi n’ukubiserura, na vyinshi murivyo murabinyegeza mukaba mwarigishijwe muvyo mutazi mwebwe hamwe n’abavyeyi banyu, wewe vuga uti:- n’Imana, hanyuma ubareke batambe n’ububeshi bwabo

Ayah 91

وَهَٰذَا كِتَٰبٌ أَنزَلۡنَٰهُ مُبَارَكࣱ مُّصَدِّقُ ٱلَّذِي بَيۡنَ يَدَيۡهِ وَلِتُنذِرَ أُمَّ ٱلۡقُرَىٰ وَمَنۡ حَوۡلَهَاۚ وَٱلَّذِينَ يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡأٓخِرَةِ يُؤۡمِنُونَ بِهِۦۖ وَهُمۡ عَلَىٰ صَلَاتِهِمۡ يُحَافِظُونَ

N’iki gitabu gitagatifu ca Qur’ani n’igitabu twamanuye gifise imihezagiro myinshi, kikaba cemeza ivyabayeho imbere yaco, rero kugira ngo ubatuze abantu bo mugisagara c’Imakkat, hamwe n’abantu bagikikuje hamwe n’abemera umusi w’imperuka bakaba bacemera, nabo kumasengesho yabo barayitegereza cane

Ayah 92

وَمَنۡ أَظۡلَمُ مِمَّنِ ٱفۡتَرَىٰ عَلَى ٱللَّهِ كَذِبًا أَوۡ قَالَ أُوحِيَ إِلَيَّ وَلَمۡ يُوحَ إِلَيۡهِ شَيۡءࣱ وَمَن قَالَ سَأُنزِلُ مِثۡلَ مَآ أَنزَلَ ٱللَّهُۗ وَلَوۡ تَرَىٰٓ إِذِ ٱلظَّٰلِمُونَ فِي غَمَرَٰتِ ٱلۡمَوۡتِ وَٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ بَاسِطُوٓاْ أَيۡدِيهِمۡ أَخۡرِجُوٓاْ أَنفُسَكُمُۖ ٱلۡيَوۡمَ تُجۡزَوۡنَ عَذَابَ ٱلۡهُونِ بِمَا كُنتُمۡ تَقُولُونَ عَلَى ٱللَّهِ غَيۡرَ ٱلۡحَقِّ وَكُنتُمۡ عَنۡ ءَايَٰتِهِۦ تَسۡتَكۡبِرُونَ

Ni nde muhemu mukuru gusumba uwubeshera Imana canke uwuvuga ati:- jewe nazaniwe amajambo y’Imana, nawe ataco yahawe na kimwe nuyo avuga ati:- nzomanura nkuwo Imana yamanuye, nkiyo wobabonye abo bahemukiye imitima yabo mugihe bariko baratera akagere kanyuma k’urupfu, n’abamarayika babagororeye amaboko yabo bababwira bati:- nimusokore imitima yanyu, kuko uno musi uri hejuru muzorihwa ibihano bibatetereza kubera ivyo mwahora muvuga hejuru y’Imana ata kuri mubifitiye, hamwe n’ivyo mwahora mugirira ko ubwishime kubijanye n’amajambo y’Imana

Ayah 93

وَلَقَدۡ جِئۡتُمُونَا فُرَٰدَىٰ كَمَا خَلَقۡنَٰكُمۡ أَوَّلَ مَرَّةࣲ وَتَرَكۡتُم مَّا خَوَّلۡنَٰكُمۡ وَرَآءَ ظُهُورِكُمۡۖ وَمَا نَرَىٰ مَعَكُمۡ شُفَعَآءَكُمُ ٱلَّذِينَ زَعَمۡتُمۡ أَنَّهُمۡ فِيكُمۡ شُرَكَٰٓؤُاْۚ لَقَد تَّقَطَّعَ بَيۡنَكُمۡ وَضَلَّ عَنكُم مَّا كُنتُمۡ تَزۡعُمُونَ

Kandi ntankeka mwadutumbereye muri umwe k’uwundi nkuko twabaremye ubwambere, hanyuma mwasize inyuma muvyo twabahaye, mugabo ntitubona abasavyi banyu baza kubasabira muri kumwe nabo, mugihe bavuga yuko muri basoma mbike banyu, none yamigenderanire ntikiri hagati yanyu, kandi yazimanganye hagati yanyu n’ivyo mwahora mushaka

Ayah 94

۞إِنَّ ٱللَّهَ فَالِقُ ٱلۡحَبِّ وَٱلنَّوَىٰۖ يُخۡرِجُ ٱلۡحَيَّ مِنَ ٱلۡمَيِّتِ وَمُخۡرِجُ ٱلۡمَيِّتِ مِنَ ٱلۡحَيِّۚ ذَٰلِكُمُ ٱللَّهُۖ فَأَنَّىٰ تُؤۡفَكُونَ

Imana niyo isatura imbuto hamwe n’igishishwa cayo kandi niyo ikura umuntu akomeye mubapfuye, kandi nayo niyo ikura mubapfuye umuntu akomeye, iyo niyo Mana, none muhindurirwa hehe

Ayah 95

فَالِقُ ٱلۡإِصۡبَاحِ وَجَعَلَ ٱلَّيۡلَ سَكَنࣰ ا وَٱلشَّمۡسَ وَٱلۡقَمَرَ حُسۡبَانࣰ اۚ ذَٰلِكَ تَقۡدِيرُ ٱلۡعَزِيزِ ٱلۡعَلِيمِ

Niyo iserura umuco wo mugitondo nukugira ijoro kuba aribwo buruhukiro bwanyu, n’izuba hamwe n’ukwezi bikagira kugiharuro categekanijwe, urwo nirwo rugero rw’uwufise ubushobozi n’ubumenyi

Ayah 96

وَهُوَ ٱلَّذِي جَعَلَ لَكُمُ ٱلنُّجُومَ لِتَهۡتَدُواْ بِهَا فِي ظُلُمَٰتِ ٱلۡبَرِّ وَٱلۡبَحۡرِۗ قَدۡ فَصَّلۡنَا ٱلۡأٓيَٰتِ لِقَوۡمࣲ يَعۡلَمُونَ

Nayo niyo yabaremeye inyenyeri kugira ngo zibarongore mugihe c’umwijima wo ng’aha kw’isi no mubiyaga, kandi mu vy’ukuri twebwe twarasiguye neza aya majambo y’Imana matagatifu ku bantu bafise ubumenyi

Ayah 97

وَهُوَ ٱلَّذِيٓ أَنشَأَكُم مِّن نَّفۡسࣲ وَٰحِدَةࣲ فَمُسۡتَقَرࣱّ وَمُسۡتَوۡدَعࣱۗ قَدۡ فَصَّلۡنَا ٱلۡأٓيَٰتِ لِقَوۡمࣲ يَفۡقَهُونَ

Nayo niyo yabaremye mumutima umwe, hakaba hari n’ahantu hukuba mubuzima bwanyu budahera, n’ahandi hantu hikiringo kigufiya gusa, mu vy’ukuri twebwe twarasiguye aya majambo y’Imana matagatifu ku bantu bategera

Ayah 98

وَهُوَ ٱلَّذِيٓ أَنزَلَ مِنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءࣰ فَأَخۡرَجۡنَا بِهِۦ نَبَاتَ كُلِّ شَيۡءࣲ فَأَخۡرَجۡنَا مِنۡهُ خَضِرࣰ ا نُّخۡرِجُ مِنۡهُ حَبࣰّ ا مُّتَرَاكِبࣰ ا وَمِنَ ٱلنَّخۡلِ مِن طَلۡعِهَا قِنۡوَانࣱ دَانِيَةࣱ وَجَنَّٰتࣲ مِّنۡ أَعۡنَابࣲ وَٱلزَّيۡتُونَ وَٱلرُّمَّانَ مُشۡتَبِهࣰ ا وَغَيۡرَ مُتَشَٰبِهٍۗ ٱنظُرُوٓاْ إِلَىٰ ثَمَرِهِۦٓ إِذَآ أَثۡمَرَ وَيَنۡعِهِۦٓۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكُمۡ لَأٓيَٰتࣲ لِّقَوۡمࣲ يُؤۡمِنُونَ

Nayo niyo yamanuye amazi iyakuye mubicu, kuriyo niho tunagisha ibiterwa vy’ibintu vyose, bigatuma tunagisha ivyakasi vy’urwatsi rutoto kuri iy’ Isi n’ugukura muriyo intete zitondekanije kuzindi, no kucamwa c’umutende harimwo ivyunamye nukunagisha imirima y’imizabibu hamwe n’imizayituni hamwe n’imikoma manga isa n’iyindi n’iyidasa n’iyindi, rero nimurabe ivyamwa vyayo mugihe vyeze n’ugusha kwavyo, ntankeka muri ibi vyose harimwo ivyemezo ku bantu bemera Imana yabo y’ukuri

Ayah 99

وَجَعَلُواْ لِلَّهِ شُرَكَآءَ ٱلۡجِنَّ وَخَلَقَهُمۡۖ وَخَرَقُواْ لَهُۥ بَنِينَ وَبَنَٰتِۭ بِغَيۡرِ عِلۡمࣲۚ سُبۡحَٰنَهُۥ وَتَعَٰلَىٰ عَمَّا يَصِفُونَ

Ibisigo vyaragereranije Imana n’ibindi bintu kuba aribo basoma mbike bayo, mugihe ariyo yabaremye, nukuyibeshera yuko ifise ibibondo vy’abahungu n’abigeme batabizi namba, nayo iri kure nubwo bugabanutsi kuriyo, kandi iri hejuru gusumba ivyo bayi hayagiriza ko

Ayah 100

بَدِيعُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۖ أَنَّىٰ يَكُونُ لَهُۥ وَلَدࣱ وَلَمۡ تَكُن لَّهُۥ صَٰحِبَةࣱۖ وَخَلَقَ كُلَّ شَيۡءࣲۖ وَهُوَ بِكُلِّ شَيۡءٍ عَلِيمࣱ‏

Niyo Muremyi w’Amajuru yose n’Isi, none bishoboka gute kugira ngo ibe ifise ikibondo, mugihe idafise umutambukanyi, kandi niyo yaremye ibintu vyose kandi niyo nyene ubumenyi bw’ibintu vyose

Ayah 101

ذَٰلِكُمُ ٱللَّهُ رَبُّكُمۡۖ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَۖ خَٰلِقُ كُلِّ شَيۡءࣲ فَٱعۡبُدُوهُۚ وَهُوَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءࣲ وَكِيلࣱ‏

Iyo niyo Mana, Umuremyi wanyu, ntayindi Mana isengwa bimwe vy’ukuri atariyo yonyene gusa, niiyo yaremye ibintu vyose, rero nimuyisenge yonyene gusa, nayo niyo ibacungera kubintu vyose

Ayah 102

لَّا تُدۡرِكُهُ ٱلۡأَبۡصَٰرُ وَهُوَ يُدۡرِكُ ٱلۡأَبۡصَٰرَۖ وَهُوَ ٱللَّطِيفُ ٱلۡخَبِيرُ

Amaso ntamushikira ahubwo niyo ishikira amaso yanyu, nayo niyo ifise ubumenyi bw’ukumenya ivyinyegeje hamwe nibiri k’umugaragaro

Ayah 103

قَدۡ جَآءَكُم بَصَآئِرُ مِن رَّبِّكُمۡۖ فَمَنۡ أَبۡصَرَ فَلِنَفۡسِهِۦۖ وَمَنۡ عَمِيَ فَعَلَيۡهَاۚ وَمَآ أَنَا۠ عَلَيۡكُم بِحَفِيظࣲ‏

Mu vy’ukuri mwarashikiwe n’ivyemezo bininiya bivuye kumuremyi wanyu rero uwuguruye amaso yiwe nikunyungu yiwe, n’uwubaye impumyi nawe n’uruhombo rwiwe bwite, nanje sindi umureretsi wanyu

Ayah 104

وَكَذَٰلِكَ نُصَرِّفُ ٱلۡأٓيَٰتِ وَلِيَقُولُواْ دَرَسۡتَ وَلِنُبَيِّنَهُۥ لِقَوۡمࣲ يَعۡلَمُونَ

Uku rero niko dusubiramwo aya majambo y’Imana matagatifu, yuko bavuga bati:- wasomye kugira ngo ubamenyeshe abantu bagomba gutegera

Ayah 105

ٱتَّبِعۡ مَآ أُوحِيَ إِلَيۡكَ مِن رَّبِّكَۖ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَۖ وَأَعۡرِضۡ عَنِ ٱلۡمُشۡرِكِينَ

Nukurikire ivyo wahawe bivuye ku Muremyi wawe, kuko ntawusengwa bimwe vy’ukuri atari Imana yonyene gusa, kandi ube kure nabo bantu bagereranya Imana n’ibindi bintu

Ayah 106

وَلَوۡ شَآءَ ٱللَّهُ مَآ أَشۡرَكُواْۗ وَمَا جَعَلۡنَٰكَ عَلَيۡهِمۡ حَفِيظࣰ اۖ وَمَآ أَنتَ عَلَيۡهِم بِوَكِيلࣲ‏

Iyo Imana ibishaka ntibari kuyigereranya n’ibindi bintu, natwe ntitwakugize ngo wewe ubabere umureretsi kuribo, kandi wewe nturi umuserukizi hejuru yabo

Ayah 107

وَلَا تَسُبُّواْ ٱلَّذِينَ يَدۡعُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ فَيَسُبُّواْ ٱللَّهَ عَدۡوَۢا بِغَيۡرِ عِلۡمࣲۗ كَذَٰلِكَ زَيَّنَّا لِكُلِّ أُمَّةٍ عَمَلَهُمۡ ثُمَّ إِلَىٰ رَبِّهِم مَّرۡجِعُهُمۡ فَيُنَبِّئُهُم بِمَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ

Kandi ntimubatuke bamwe babasenga ukutari uko Imana yabitegetse, ntibaze batuke Imana y’ukuri kukwishima kwabo kandi batabizi, rero twebwe twarabasharijije abantu bose kubikorwa vyabo, hanyuma ingaruka yavyose izoba kumuremyi wabo, nayo izobabwira ivyo bahora bagira vyose

Ayah 108

وَأَقۡسَمُواْ بِٱللَّهِ جَهۡدَ أَيۡمَٰنِهِمۡ لَئِن جَآءَتۡهُمۡ ءَايَةࣱ لَّيُؤۡمِنُنَّ بِهَاۚ قُلۡ إِنَّمَا ٱلۡأٓيَٰتُ عِندَ ٱللَّهِۖ وَمَا يُشۡعِرُكُمۡ أَنَّهَآ إِذَا جَآءَتۡ لَا يُؤۡمِنُونَ

Bararahiye kumana kundahiro zikoma komeye yuko bashikiwe n’ibitangaro niho bazokwemera, wewe vuga uti:- ibitangaro vyose biri kumana, none n’ikihe kintu cabamenyesheje yuko mugihe hazoshika ivyo bitangaro bazovyemera

Ayah 109

وَنُقَلِّبُ أَفۡـِٔدَتَهُمۡ وَأَبۡصَٰرَهُمۡ كَمَا لَمۡ يُؤۡمِنُواْ بِهِۦٓ أَوَّلَ مَرَّةࣲ وَنَذَرُهُمۡ فِي طُغۡيَٰنِهِمۡ يَعۡمَهُونَ

Tuzohindura imitima yabo n’amaso yabo nk’uko batazopfa bemeye kuncuro yambere kandi tuzobasiga mubicumuro vyabo batayataya hirya no hino

Ayah 110

۞وَلَوۡ أَنَّنَا نَزَّلۡنَآ إِلَيۡهِمُ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةَ وَكَلَّمَهُمُ ٱلۡمَوۡتَىٰ وَحَشَرۡنَا عَلَيۡهِمۡ كُلَّ شَيۡءࣲ قُبُلࣰ ا مَّا كَانُواْ لِيُؤۡمِنُوٓاْ إِلَّآ أَن يَشَآءَ ٱللَّهُ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَهُمۡ يَجۡهَلُونَ

Iyo tubamanurira abamarayika hamwe n’abashengeye bakaganira nabo nukubegeraniriza ibintu vyose imbere yabo, ntibari kwemera atari uko Imana yonyene yabishatse, mugabo benshi muribo bari mubujuju

Ayah 111

وَكَذَٰلِكَ جَعَلۡنَا لِكُلِّ نَبِيٍّ عَدُوࣰّ ا شَيَٰطِينَ ٱلۡإِنسِ وَٱلۡجِنِّ يُوحِي بَعۡضُهُمۡ إِلَىٰ بَعۡضࣲ زُخۡرُفَ ٱلۡقَوۡلِ غُرُورࣰ اۚ وَلَوۡ شَآءَ رَبُّكَ مَا فَعَلُوهُۖ فَذَرۡهُمۡ وَمَا يَفۡتَرُونَ

Uku niko twagiriye intumwa y’Imana iyariyo yose kuba ifise abansi bayo bamashetani mu bantu n’ibisigo, bamwe muribo baramenyeshejwe kuri bagenzi babo amajambo yukudandikanya kugira ngo babahende, rero iyo Umuremyi wawe abishaka ntibari kugira ibi vyose rero nubareke n’ububeshi bwabo

Ayah 112

وَلِتَصۡغَىٰٓ إِلَيۡهِ أَفۡـِٔدَةُ ٱلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡأٓخِرَةِ وَلِيَرۡضَوۡهُ وَلِيَقۡتَرِفُواْ مَا هُم مُّقۡتَرِفُونَ

Kugira ngo zitumbere kuri ayo majambo yabo kumitima yabarya batemera umuhero w’Isi bateko bayemere kandi bateko bimbure muvyo bimbura

Ayah 113

أَفَغَيۡرَ ٱللَّهِ أَبۡتَغِي حَكَمࣰ ا وَهُوَ ٱلَّذِيٓ أَنزَلَ إِلَيۡكُمُ ٱلۡكِتَٰبَ مُفَصَّلࣰ اۚ وَٱلَّذِينَ ءَاتَيۡنَٰهُمُ ٱلۡكِتَٰبَ يَعۡلَمُونَ أَنَّهُۥ مُنَزَّلࣱ مِّن رَّبِّكَ بِٱلۡحَقِّۖ فَلَا تَكُونَنَّ مِنَ ٱلۡمُمۡتَرِينَ

Mbega ndondere umucamanza atari Imana mugihe ariyo yabamanuriye iki gitabu gisigura ibintu vyose biri k’umugaragaro, na bamwe twahaye igitabu gitagatifu barafise ubumenyi buhagije yuko iki gitabu camanuwe n’Umuremyi wawe bimwe vy’ukuri, rero ntube mu bantu bafise amakenga

Ayah 114

وَتَمَّتۡ كَلِمَتُ رَبِّكَ صِدۡقࣰ ا وَعَدۡلࣰ اۚ لَّا مُبَدِّلَ لِكَلِمَٰتِهِۦۚ وَهُوَ ٱلسَّمِيعُ ٱلۡعَلِيمُ

Amajambo y’Umuremyi wawe arakwiye k’ukuri n’ubutungane, ntawushobora guhindura amajambo yayo nayo niyo yumva kandi niyo nyene ubumenyi buhagije

Ayah 115

وَإِن تُطِعۡ أَكۡثَرَ مَن فِي ٱلۡأَرۡضِ يُضِلُّوكَ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِۚ إِن يَتَّبِعُونَ إِلَّا ٱلظَّنَّ وَإِنۡ هُمۡ إِلَّا يَخۡرُصُونَ

Niwagamburukira abantu benshi bari ng’aha kw’Isi bazo kuzimiza munzira y’Imana, kuko ntakindi barondera atari abiyadukiza n’ibintu gusa

Ayah 116

إِنَّ رَبَّكَ هُوَ أَعۡلَمُ مَن يَضِلُّ عَن سَبِيلِهِۦۖ وَهُوَ أَعۡلَمُ بِٱلۡمُهۡتَدِينَ

Ntankeka Umuremyi wawe niwe abazi neza abazimira munzira yayo, kandi niwe abazi neza abarongoka

Ayah 117

فَكُلُواْ مِمَّا ذُكِرَ ٱسۡمُ ٱللَّهِ عَلَيۡهِ إِن كُنتُم بِـَٔايَٰتِهِۦ مُؤۡمِنِينَ

Rero nimufungure kuri birya vyavugiweko izina ry’Imana ni mwaba mwebwe mwemera aya majambo yayo y’ukuri

Ayah 118

وَمَا لَكُمۡ أَلَّا تَأۡكُلُواْ مِمَّا ذُكِرَ ٱسۡمُ ٱللَّهِ عَلَيۡهِ وَقَدۡ فَصَّلَ لَكُم مَّا حَرَّمَ عَلَيۡكُمۡ إِلَّا مَا ٱضۡطُرِرۡتُمۡ إِلَيۡهِۗ وَإِنَّ كَثِيرࣰ ا لَّيُضِلُّونَ بِأَهۡوَآئِهِم بِغَيۡرِ عِلۡمٍۚ إِنَّ رَبَّكَ هُوَ أَعۡلَمُ بِٱلۡمُعۡتَدِينَ

None ni kuki mudafungura kuri vya bitugwa vyavugiweko izina ry’Imana kandi Imana ikaba yarabamenyesheje neza na neza kuvyo yababujije gufungura dukuyemwo ivyo mutegetswe gufungurako, mu vy’ukuri benshi baratakaza bagenzi babo kubera ukwikunda kwabo kuko badafise ubumenyi kurivyo, ntankeka rero Umuremyi wawe niwe abazi neza cane bamwe barenga imbibe zayo

Ayah 119

وَذَرُواْ ظَٰهِرَ ٱلۡإِثۡمِ وَبَاطِنَهُۥٓۚ إِنَّ ٱلَّذِينَ يَكۡسِبُونَ ٱلۡإِثۡمَ سَيُجۡزَوۡنَ بِمَا كَانُواْ يَقۡتَرِفُونَ

Nimureke kugira ibicumuro biri k’umugaragaro hamwe n’ivyinyegeje, mu vy’ukuri bamwe bagira ibicumuro bazohembwa kuvyo bahora bakora

Ayah 120

وَلَا تَأۡكُلُواْ مِمَّا لَمۡ يُذۡكَرِ ٱسۡمُ ٱللَّهِ عَلَيۡهِ وَإِنَّهُۥ لَفِسۡقࣱۗ وَإِنَّ ٱلشَّيَٰطِينَ لَيُوحُونَ إِلَىٰٓ أَوۡلِيَآئِهِمۡ لِيُجَٰدِلُوكُمۡۖ وَإِنۡ أَطَعۡتُمُوهُمۡ إِنَّكُمۡ لَمُشۡرِكُونَ

Kandi ntimufungure kubida someweko izina ry’Imana, kuko uko n’ukwiyonkora, mu vy’ukuri amashetani yerekana bagenzi babo kugira ngo muharire nayo, rero nimwaba gamburukira muzoba muri abagereranyi b’Imana n’ibindi bintu

Ayah 121

أَوَمَن كَانَ مَيۡتࣰ ا فَأَحۡيَيۡنَٰهُ وَجَعَلۡنَا لَهُۥ نُورࣰ ا يَمۡشِي بِهِۦ فِي ٱلنَّاسِ كَمَن مَّثَلُهُۥ فِي ٱلظُّلُمَٰتِ لَيۡسَ بِخَارِجࣲ مِّنۡهَاۚ كَذَٰلِكَ زُيِّنَ لِلۡكَٰفِرِينَ مَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ

Mbega uwamaze gucikana, hanyuma tukamuzura, hanyuma tugaca tumuha umuco kuri ivyo agaca agenda imbere y’abantu, none azongana n’umwe ari m’umwijima adashobora kuwuvamwo? Uku rero niko basharijwe abatemera Imana yabo y’ukuri kuvyo bahora bagira

Ayah 122

وَكَذَٰلِكَ جَعَلۡنَا فِي كُلِّ قَرۡيَةٍ أَكَٰبِرَ مُجۡرِمِيهَا لِيَمۡكُرُواْ فِيهَاۖ وَمَا يَمۡكُرُونَ إِلَّا بِأَنفُسِهِمۡ وَمَا يَشۡعُرُونَ

Uko niko twagize kubisagara vyose kubategetsi babo kuba aribo bantu babi, bakaba bagira amarorerwa muri ivyo bisagara, kandi ntibagira ayo marorerwa yabo, atari kumitima yabo nabo batabizi namba

Ayah 123

وَإِذَا جَآءَتۡهُمۡ ءَايَةࣱ قَالُواْ لَن نُّؤۡمِنَ حَتَّىٰ نُؤۡتَىٰ مِثۡلَ مَآ أُوتِيَ رُسُلُ ٱللَّهِۘ ٱللَّهُ أَعۡلَمُ حَيۡثُ يَجۡعَلُ رِسَالَتَهُۥۗ سَيُصِيبُ ٱلَّذِينَ أَجۡرَمُواْ صَغَارٌ عِندَ ٱللَّهِ وَعَذَابࣱ شَدِيدُۢ بِمَا كَانُواْ يَمۡكُرُونَ

Mugihe bashikiwe n’ivyemezo vyacu baca bavuga bati:- twebwe ntidushobora kwemera icarico cose kugeza aho duhabwa nkuko bahawe izindi ntumwa z’Imana, rero Imana niyo ifise ubumenyi bwaho izoshira ubutumwa bwayo, kuko abantu babi bazoshikirwa n’ibimaramare bihanitse bivuye ku Mana hamwe n’ibihano bikaze cane kubera ingenda muvano bahora bagira

Ayah 124

فَمَن يُرِدِ ٱللَّهُ أَن يَهۡدِيَهُۥ يَشۡرَحۡ صَدۡرَهُۥ لِلۡإِسۡلَٰمِۖ وَمَن يُرِدۡ أَن يُضِلَّهُۥ يَجۡعَلۡ صَدۡرَهُۥ ضَيِّقًا حَرَجࣰ ا كَأَنَّمَا يَصَّعَّدُ فِي ٱلسَّمَآءِۚ كَذَٰلِكَ يَجۡعَلُ ٱللَّهُ ٱلرِّجۡسَ عَلَى ٱلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ

Rero uwushaka yuko Imana imurongora, imwugururira igikiriza ciwe c’ukuba umu Isilamu, nayo uwo Imana yashakiye kuzimira, igira igikiriza ciwe kuba kiremereye kibona gusa ingorane zihambaye nkuko ari umuntu aduga mw’Ijuru, uku rero niko Imana ibashirako umwanda hejuru ya batayemera bimwe vy’ukuri

Ayah 125

وَهَٰذَا صِرَٰطُ رَبِّكَ مُسۡتَقِيمࣰ اۗ قَدۡ فَصَّلۡنَا ٱلۡأٓيَٰتِ لِقَوۡمࣲ يَذَّكَّرُونَ

Iyi niyo nzira y’Umuremyi wawe igororotse ntankeka twaratandukanije aya majambo y’Imana matagatifu ku bantu bibuka

Ayah 126

۞لَهُمۡ دَارُ ٱلسَّلَٰمِ عِندَ رَبِّهِمۡۖ وَهُوَ وَلِيُّهُم بِمَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ

Bazoronka inzu y’amahoro ivuye ku Muremyi wabo, nayo niyo ibakingira kubera ivyo bahora bagira

Ayah 127

وَيَوۡمَ يَحۡشُرُهُمۡ جَمِيعࣰ ا يَٰمَعۡشَرَ ٱلۡجِنِّ قَدِ ٱسۡتَكۡثَرۡتُم مِّنَ ٱلۡإِنسِۖ وَقَالَ أَوۡلِيَآؤُهُم مِّنَ ٱلۡإِنسِ رَبَّنَا ٱسۡتَمۡتَعَ بَعۡضُنَا بِبَعۡضࣲ وَبَلَغۡنَآ أَجَلَنَا ٱلَّذِيٓ أَجَّلۡتَ لَنَاۚ قَالَ ٱلنَّارُ مَثۡوَىٰكُمۡ خَٰلِدِينَ فِيهَآ إِلَّا مَا شَآءَ ٱللَّهُۚ إِنَّ رَبَّكَ حَكِيمٌ عَلِيمࣱ‏

N’umusi izobakoranya abantu bose, hanyuma ibabwire iti:- mwebwe mirwi y’ibisigo, mu vy’ukuri mwatwaye abanywanyi benshi mu bantu, n’abagenzi babo bo mu bantu bazovuga bati:- Muremyi wacu twaranezeranye twebwe hamwe nabo rero hageze aho ikiringo cacu cagenywe cashitse, niho izovuga iti:- umuriro udahera nibwo bwicaro bwanyu ariho muzobayo mu buzima bwanyu bwose kugeza aho Imana izoshakira, mu vy’ukuri umuremyi wawe niwe afise ubuhizi kandi niwe afise ubumenyi buhagije

Ayah 128

وَكَذَٰلِكَ نُوَلِّي بَعۡضَ ٱلظَّٰلِمِينَ بَعۡضَۢا بِمَا كَانُواْ يَكۡسِبُونَ

Uku niko tubinjizamwo urukundo bamwe bahemukiye Imana yabo y’ukuri hejuru y’abandi, kubera ivyo bahora bagira

Ayah 129

يَٰمَعۡشَرَ ٱلۡجِنِّ وَٱلۡإِنسِ أَلَمۡ يَأۡتِكُمۡ رُسُلࣱ مِّنكُمۡ يَقُصُّونَ عَلَيۡكُمۡ ءَايَٰتِي وَيُنذِرُونَكُمۡ لِقَآءَ يَوۡمِكُمۡ هَٰذَاۚ قَالُواْ شَهِدۡنَا عَلَىٰٓ أَنفُسِنَاۖ وَغَرَّتۡهُمُ ٱلۡحَيَوٰةُ ٱلدُّنۡيَا وَشَهِدُواْ عَلَىٰٓ أَنفُسِهِمۡ أَنَّهُمۡ كَانُواْ كَٰفِرِينَ

Mwebwe migwi y’ibisigo n’abantu, mbega ntimurashikirwa n’intumwa z’Imana z’ukuri muri mwebwe zibamenyesha amajambo yanje matagatifu nukubatuza kw’ikoraniro ry’uyu musi wanyu, nabo bazovuga bati:- twabaye ivyabona vy’imitima yacu, tukaba twarahenzwe n’ubuzima bwo ng’aha kw’Isi, nabo bazokwibera ivyabona bonyene yuko bahora ari abahakanyi b’Imana

Ayah 130

ذَٰلِكَ أَن لَّمۡ يَكُن رَّبُّكَ مُهۡلِكَ ٱلۡقُرَىٰ بِظُلۡمࣲ وَأَهۡلُهَا غَٰفِلُونَ

Ivyo n’ukubera yuko Umuremyi wawe atari kuba uwuzimanganya ibisagara kubera ubuhemu bwabo, mugihe bonyene basamaye

Ayah 131

وَلِكُلࣲّ دَرَجَٰتࣱ مِّمَّا عَمِلُواْۚ وَمَا رَبُّكَ بِغَٰفِلٍ عَمَّا يَعۡمَلُونَ

Nabose bafise iteka ringana n’ivyo bakoze, n’Unuremyi wawe suwo gusamara kuvyo bagira

Ayah 132

وَرَبُّكَ ٱلۡغَنِيُّ ذُو ٱلرَّحۡمَةِۚ إِن يَشَأۡ يُذۡهِبۡكُمۡ وَيَسۡتَخۡلِفۡ مِنۢ بَعۡدِكُم مَّا يَشَآءُ كَمَآ أَنشَأَكُم مِّن ذُرِّيَّةِ قَوۡمٍ ءَاخَرِينَ

N’Umuremyi wawe niwe nyene amatungo, kandi niwe afise impuhwe, ishatse yoba kuraho n’ugushiraho abandi bantu yishakiye atari mwebwe, nkuko yabaremye muruvyaro rw’abandi bantu

Ayah 133

إِنَّ مَا تُوعَدُونَ لَأٓتࣲۖ وَمَآ أَنتُم بِمُعۡجِزِينَ

Ntankeka ivyo mwemerewe bizoshika, kandi ntimuzo shobora kuyatsinda

Ayah 134

قُلۡ يَٰقَوۡمِ ٱعۡمَلُواْ عَلَىٰ مَكَانَتِكُمۡ إِنِّي عَامِلࣱۖ فَسَوۡفَ تَعۡلَمُونَ مَن تَكُونُ لَهُۥ عَٰقِبَةُ ٱلدَّارِۚ إِنَّهُۥ لَا يُفۡلِحُ ٱلظَّٰلِمُونَ

Vuga uti:- mwebwe bantu banje, nimugire ivyanyu n’ubwitonzi bwanyu ntangere, nanje ndiko ndagira ivyanje, mugabo muzomenya uwariwe azoba afise uburaro bwiza munyuma, mu vy’ukuri abahemukiye imitima yabo ntantsinzi bafise

Ayah 135

وَجَعَلُواْ لِلَّهِ مِمَّا ذَرَأَ مِنَ ٱلۡحَرۡثِ وَٱلۡأَنۡعَٰمِ نَصِيبࣰ ا فَقَالُواْ هَٰذَا لِلَّهِ بِزَعۡمِهِمۡ وَهَٰذَا لِشُرَكَآئِنَاۖ فَمَا كَانَ لِشُرَكَآئِهِمۡ فَلَا يَصِلُ إِلَى ٱللَّهِۖ وَمَا كَانَ لِلَّهِ فَهُوَ يَصِلُ إِلَىٰ شُرَكَآئِهِمۡۗ سَآءَ مَا يَحۡكُمُونَ

Bagiriye Imana ntagatifu ahantu ho mubiterwa yaremye wenyene hamwe no mubikoko n’ukuvuga iti:- ibi nivyo kuruhande rw’Imana nkuko bavyivugira, n’ibi navyo nivyo tugereranyako Imana n’ibindi bintu, rero uko bavyipfuza ku Mana zabo ntibishika ku Mana, ni vy’Imana nivyo bishika ku Mana zabo, n’ibintu bibi cane bacira ko intahe

Ayah 136

وَكَذَٰلِكَ زَيَّنَ لِكَثِيرࣲ مِّنَ ٱلۡمُشۡرِكِينَ قَتۡلَ أَوۡلَٰدِهِمۡ شُرَكَآؤُهُمۡ لِيُرۡدُوهُمۡ وَلِيَلۡبِسُواْ عَلَيۡهِمۡ دِينَهُمۡۖ وَلَوۡ شَآءَ ٱللَّهُ مَا فَعَلُوهُۖ فَذَرۡهُمۡ وَمَا يَفۡتَرُونَ

Uku rero niko Imana zabo bazigereranya n’ibindi bintu n’ukuba shariza benshi muri abo bagereranyi b’Imana n’ibindi bintu n’ukwica ibibondo vyabo kugira ngo babazimanganye nukubononera idini ryabo, rero iyo Mana ibishaka ntibari kugira ivyo bintu, rero nimubareke nivyo bategura

Ayah 137

وَقَالُواْ هَٰذِهِۦٓ أَنۡعَٰمࣱ وَحَرۡثٌ حِجۡرࣱ لَّا يَطۡعَمُهَآ إِلَّا مَن نَّشَآءُ بِزَعۡمِهِمۡ وَأَنۡعَٰمٌ حُرِّمَتۡ ظُهُورُهَا وَأَنۡعَٰمࣱ لَّا يَذۡكُرُونَ ٱسۡمَ ٱللَّهِ عَلَيۡهَا ٱفۡتِرَآءً عَلَيۡهِۚ سَيَجۡزِيهِم بِمَا كَانُواْ يَفۡتَرُونَ

Nabo bavuga bati:- ibi bitungwa hamwe n’ibi biterwa vyarabujijwe kuribwa atari muvyo twikundiye nkuko bavyivugira, n’ibi bitungwa imigongo yavyo yarabujijwe kwurirwako, n’ibindi bikoko bitavugirwako izina ry’Imana mugihe bibazwe bakadukana ububeshi gusa nayo izobariha kuri ibi bahora bategura

Ayah 138

وَقَالُواْ مَا فِي بُطُونِ هَٰذِهِ ٱلۡأَنۡعَٰمِ خَالِصَةࣱ لِّذُكُورِنَا وَمُحَرَّمٌ عَلَىٰٓ أَزۡوَٰجِنَاۖ وَإِن يَكُن مَّيۡتَةࣰ فَهُمۡ فِيهِ شُرَكَآءُۚ سَيَجۡزِيهِمۡ وَصۡفَهُمۡۚ إِنَّهُۥ حَكِيمٌ عَلِيمࣱ‏

Bavuga bati:- ibiri munda zibi bitungwa bijejwe kubagabo bacu gusa, kandi vyarabujijwe kubakenyezi bacu, mugabo iyo tungwa yapfuye yonyene baca bayishigikirana ko, mu vy’ukuri Imana izobahemba kubiganiro vyabo, kandi ntankeka niyo nyene ubuhizi n’ubumenyi buhagije

Ayah 139

قَدۡ خَسِرَ ٱلَّذِينَ قَتَلُوٓاْ أَوۡلَٰدَهُمۡ سَفَهَۢا بِغَيۡرِ عِلۡمࣲ وَحَرَّمُواْ مَا رَزَقَهُمُ ٱللَّهُ ٱفۡتِرَآءً عَلَى ٱللَّهِۚ قَدۡ ضَلُّواْ وَمَا كَانُواْ مُهۡتَدِينَ

Mu vy’ukuri bari muruhombo bamwe bagandagura ibibondo vyabo k’ubujuju nabo batabizi, batako babuza ivyo Imana yabahaye mukuyibeshera, ntankeka abo bantu barazimiye kandi ntibari mu bantu barongoka

Ayah 140

۞وَهُوَ ٱلَّذِيٓ أَنشَأَ جَنَّٰتࣲ مَّعۡرُوشَٰتࣲ وَغَيۡرَ مَعۡرُوشَٰتࣲ وَٱلنَّخۡلَ وَٱلزَّرۡعَ مُخۡتَلِفًا أُكُلُهُۥ وَٱلزَّيۡتُونَ وَٱلرُّمَّانَ مُتَشَٰبِهࣰ ا وَغَيۡرَ مُتَشَٰبِهࣲۚ كُلُواْ مِن ثَمَرِهِۦٓ إِذَآ أَثۡمَرَ وَءَاتُواْ حَقَّهُۥ يَوۡمَ حَصَادِهِۦۖ وَلَا تُسۡرِفُوٓاْۚ إِنَّهُۥ لَا يُحِبُّ ٱلۡمُسۡرِفِينَ

N’Imana niyo yaremye ibiti vyegeranywa hamwe n’ibitegeranywa, hamwe n’ibiti vy’imitende hamwe n’ibiti vy’ivyamwa bitandukanye n’ibindi, hamwe n’ibiti vy’imizaituni hamwe n’ibiti vy’imikongo manga isa n’iyindi bidasa n’ibindi, rero ni mufungure kuri ivyo vyamwa mugihe vyeze, kandi mutange ibikenewe k’umusi w’umusaruro, kandi nti mubikoreshe mubwononyi kuko Imana ntikunda abantu bakoresha amatungo yabo mu bwononyi

Ayah 141

وَمِنَ ٱلۡأَنۡعَٰمِ حَمُولَةࣰ وَفَرۡشࣰ اۚ كُلُواْ مِمَّا رَزَقَكُمُ ٱللَّهُ وَلَا تَتَّبِعُواْ خُطُوَٰتِ ٱلشَّيۡطَٰنِۚ إِنَّهُۥ لَكُمۡ عَدُوࣱّ مُّبِينࣱ‏

No mubikoko bimwe vyikorera ibintu hamwe n’ivyurirwa ni mubifungure kuvyo Imana yabahaye kandi ntimukurikire inyosha mbi za Shetani, mu vy’ukuri niwe mwansi wanyu aboneka neza

Ayah 142

ثَمَٰنِيَةَ أَزۡوَٰجࣲۖ مِّنَ ٱلضَّأۡنِ ٱثۡنَيۡنِ وَمِنَ ٱلۡمَعۡزِ ٱثۡنَيۡنِۗ قُلۡ ءَآلذَّكَرَيۡنِ حَرَّمَ أَمِ ٱلۡأُنثَيَيۡنِ أَمَّا ٱشۡتَمَلَتۡ عَلَيۡهِ أَرۡحَامُ ٱلۡأُنثَيَيۡنِۖ نَبِّـُٔونِي بِعِلۡمٍ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ

N’ubwoko umunani bw’ibikoko, bibiri muntama, n’ibindi bibiri mumpene, vuga uti:- canke yabujije amapfizi yose uko ari abiri canke inyana uko ari zibiri canke imbanyi ziri muri izi nyana uko ari zibiri? Nimumbwire k’ubumenyi bwanyu nimwaba muvugisha ukuri kwama

Ayah 143

وَمِنَ ٱلۡإِبِلِ ٱثۡنَيۡنِ وَمِنَ ٱلۡبَقَرِ ٱثۡنَيۡنِۗ قُلۡ ءَآلذَّكَرَيۡنِ حَرَّمَ أَمِ ٱلۡأُنثَيَيۡنِ أَمَّا ٱشۡتَمَلَتۡ عَلَيۡهِ أَرۡحَامُ ٱلۡأُنثَيَيۡنِۖ أَمۡ كُنتُمۡ شُهَدَآءَ إِذۡ وَصَّىٰكُمُ ٱللَّهُ بِهَٰذَاۚ فَمَنۡ أَظۡلَمُ مِمَّنِ ٱفۡتَرَىٰ عَلَى ٱللَّهِ كَذِبࣰ ا لِّيُضِلَّ ٱلنَّاسَ بِغَيۡرِ عِلۡمٍۚ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يَهۡدِي ٱلۡقَوۡمَ ٱلظَّٰلِمِينَ

Ni zibiri mungamiya hamwe no munka zibiri hanyuma uvuge uti:- mbega Imana yarabujije izo mpfizi zose uko ari zibiri, canke izo nyana zose uko ari zibiri, canke imbanyi ziri munda zayo zose uko ari zibiri muri izo nyana, canke mwebwe mwariho igihe Imana yabasigira iryo ragi? None yoba arinde muhemu mukuru gusumba uwabesheye Imana kugira ngo azimize abantu ata bumenyi afise, mu vy’ukuri Imana ntirongora abantu b’abahemu

Ayah 144

قُل لَّآ أَجِدُ فِي مَآ أُوحِيَ إِلَيَّ مُحَرَّمًا عَلَىٰ طَاعِمࣲ يَطۡعَمُهُۥٓ إِلَّآ أَن يَكُونَ مَيۡتَةً أَوۡ دَمࣰ ا مَّسۡفُوحًا أَوۡ لَحۡمَ خِنزِيرࣲ فَإِنَّهُۥ رِجۡسٌ أَوۡ فِسۡقًا أُهِلَّ لِغَيۡرِ ٱللَّهِ بِهِۦۚ فَمَنِ ٱضۡطُرَّ غَيۡرَ بَاغࣲ وَلَا عَادࣲ فَإِنَّ رَبَّكَ غَفُورࣱ رَّحِيمࣱ‏

Vuga uti:- jewe simbona muvyo Imana yanshikirije kukintu cabujijwe kuwugifungura kugifungura dukuyemwo mwo icapfuye canke amaraso yasesaguritse, canke inyama y’ingurube, kuko uwo n’umwanda, canke ikitakurikije amategeko y’Imana, kikaba cabazwe kitavugiweko izina ry’Imana, mugabo rero uwategetswe gufungura nawe atabishatse canke agasimba imbibe z’Imana, rero uyo Imana niyo ifise ikigongwe cinshi hamwe n’impuhwe zayo zihagije

Ayah 145

وَعَلَى ٱلَّذِينَ هَادُواْ حَرَّمۡنَا كُلَّ ذِي ظُفُرࣲۖ وَمِنَ ٱلۡبَقَرِ وَٱلۡغَنَمِ حَرَّمۡنَا عَلَيۡهِمۡ شُحُومَهُمَآ إِلَّا مَا حَمَلَتۡ ظُهُورُهُمَآ أَوِ ٱلۡحَوَايَآ أَوۡ مَا ٱخۡتَلَطَ بِعَظۡمࣲۚ ذَٰلِكَ جَزَيۡنَٰهُم بِبَغۡيِهِمۡۖ وَإِنَّا لَصَٰدِقُونَ

No kubayahudi twarababujije gufungura kubikoko bifise inzara, no kunka n’intama hamwe n’impene, tubabuza gufungura kubinure vyazo dukuyemwo iyihetse k’umugongo wayo, canke munda yazo canke iyanamvye n’amagufa yayo, uko niko twabahemvye kubera ubwiyonkore bwabo, ntankeka ni twebwe tuvugisha ukuri

Ayah 146

فَإِن كَذَّبُوكَ فَقُل رَّبُّكُمۡ ذُو رَحۡمَةࣲ وَٰسِعَةࣲ وَلَا يُرَدُّ بَأۡسُهُۥ عَنِ ٱلۡقَوۡمِ ٱلۡمُجۡرِمِينَ

Niba bandanya baguhakana wewe n’uvuge uti:- Umuremyi wanyu arafise impuhwe nyinshi cane n’ibihano vyayo ntibikingirwa kubantu b’abononyi

Ayah 147

سَيَقُولُ ٱلَّذِينَ أَشۡرَكُواْ لَوۡ شَآءَ ٱللَّهُ مَآ أَشۡرَكۡنَا وَلَآ ءَابَآؤُنَا وَلَا حَرَّمۡنَا مِن شَيۡءࣲۚ كَذَٰلِكَ كَذَّبَ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡ حَتَّىٰ ذَاقُواْ بَأۡسَنَاۗ قُلۡ هَلۡ عِندَكُم مِّنۡ عِلۡمࣲ فَتُخۡرِجُوهُ لَنَآۖ إِن تَتَّبِعُونَ إِلَّا ٱلظَّنَّ وَإِنۡ أَنتُمۡ إِلَّا تَخۡرُصُونَ

Abagereranya Imana n’ibindi bintu bazovuga bati:- iyo Imana ibishaka ntitwari kuyigereranya n’ibindi bintu, haba twebwe canke abavyeyi bacu, canke ntitwari gutuza icarico cose, uku niko bahakanye abamyeho imbere yabo kugeza naho bahonja ibihano vyacu, wewe nuvuge uti:- mbega mwebwe murafise ubumenyi bw’ukudukurira mwebwe mudakurikira atari ibihuha gusa, kandi mutavuga atari ububeshi gusa

Ayah 148

قُلۡ فَلِلَّهِ ٱلۡحُجَّةُ ٱلۡبَٰلِغَةُۖ فَلَوۡ شَآءَ لَهَدَىٰكُمۡ أَجۡمَعِينَ

Vuga uti:- Imana niyo ifise ivyemezo vy’ukuri, nayo iyo ibishaka yari kubarongora mwese

Ayah 149

قُلۡ هَلُمَّ شُهَدَآءَكُمُ ٱلَّذِينَ يَشۡهَدُونَ أَنَّ ٱللَّهَ حَرَّمَ هَٰذَاۖ فَإِن شَهِدُواْ فَلَا تَشۡهَدۡ مَعَهُمۡۚ وَلَا تَتَّبِعۡ أَهۡوَآءَ ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا وَٱلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡأٓخِرَةِ وَهُم بِرَبِّهِمۡ يَعۡدِلُونَ

Vuga uti:- nimuzane ivyabona vyanyu bishobora kuba ari ivyabona yuko Imana yabujije ibi vyose, rero nibatanga ivyemezo wewe ntube icabona hamwe nabo, kandi ntukurikire ivyipfuzo vya bamwe bahakanye amajambo yacu matagatifu hamwe na bamwe batemera umunsi w’imperuka hamwe n’abagira ubungane bw’Umuremyi wabo

Ayah 150

۞قُلۡ تَعَالَوۡاْ أَتۡلُ مَا حَرَّمَ رَبُّكُمۡ عَلَيۡكُمۡۖ أَلَّا تُشۡرِكُواْ بِهِۦ شَيۡـࣰٔ اۖ وَبِٱلۡوَٰلِدَيۡنِ إِحۡسَٰنࣰ اۖ وَلَا تَقۡتُلُوٓاْ أَوۡلَٰدَكُم مِّنۡ إِمۡلَٰقࣲ نَّحۡنُ نَرۡزُقُكُمۡ وَإِيَّاهُمۡۖ وَلَا تَقۡرَبُواْ ٱلۡفَوَٰحِشَ مَا ظَهَرَ مِنۡهَا وَمَا بَطَنَۖ وَلَا تَقۡتُلُواْ ٱلنَّفۡسَ ٱلَّتِي حَرَّمَ ٱللَّهُ إِلَّا بِٱلۡحَقِّۚ ذَٰلِكُمۡ وَصَّىٰكُم بِهِۦ لَعَلَّكُمۡ تَعۡقِلُونَ

Vuga uti:- nimuze ndabasomere muvyo Umuremyi wanyu yababujije yuko mutazo yigereranya n’ikintu nakimwe, kandi mugirire abavyeyi banyu ineza, kandi ntimugandagure ibibondo vyanyu kubera ubukene, twebwe tuzobaha imigisha mwebwe hamwe nabo, kandi ntimwegere kubintu bibi biboneka canke ibiri mumbari, kandi ntimwice umuntu Imana yabujije kwicwa atari k’ukuri, iryo n’iragi yabasigiye kugira ngo mushobore kubishira mubwenge bwanyu

Ayah 151

وَلَا تَقۡرَبُواْ مَالَ ٱلۡيَتِيمِ إِلَّا بِٱلَّتِي هِيَ أَحۡسَنُ حَتَّىٰ يَبۡلُغَ أَشُدَّهُۥۚ وَأَوۡفُواْ ٱلۡكَيۡلَ وَٱلۡمِيزَانَ بِٱلۡقِسۡطِۖ لَا نُكَلِّفُ نَفۡسًا إِلَّا وُسۡعَهَاۖ وَإِذَا قُلۡتُمۡ فَٱعۡدِلُواْ وَلَوۡ كَانَ ذَا قُرۡبَىٰۖ وَبِعَهۡدِ ٱللَّهِ أَوۡفُواْۚ ذَٰلِكُمۡ وَصَّىٰكُم بِهِۦ لَعَلَّكُمۡ تَذَكَّرُونَ

Kandi ntimwegere amatungo y’impfuvyi atari munzira nziza, kugeza aho azoshika mubigero vyayo, kandi mukwize ibipimo mupimirako hamwe n’iminzani yanyu ibe kurugero rw’ukuri, natwe ntiduhatagiza umuntu atari k’urugero rw’ubushobozi bwiwe n’igihe muvuze muti:- nimuvuge mukoresheje ukuri naho yoba ari incuti yawe, kandi mukurikize indagano y’Imana kuko ariyo yabasigiye iryo ragi kugira ngo mwibuke

Ayah 152

وَأَنَّ هَٰذَا صِرَٰطِي مُسۡتَقِيمࣰ ا فَٱتَّبِعُوهُۖ وَلَا تَتَّبِعُواْ ٱلسُّبُلَ فَتَفَرَّقَ بِكُمۡ عَن سَبِيلِهِۦۚ ذَٰلِكُمۡ وَصَّىٰكُم بِهِۦ لَعَلَّكُمۡ تَتَّقُونَ

Mu vy’ukuri iyi niyo nzira yanje igororotse, rero nimuyikurikire kandi ntimukurikire izindi nzira zobatandukanya kure n’inzira y’Imana, nayo ikaba yarabaraze kuri ibi vyose kugira ngo mwikingire n’ugutinya amabi yose

Ayah 153

ثُمَّ ءَاتَيۡنَا مُوسَى ٱلۡكِتَٰبَ تَمَامًا عَلَى ٱلَّذِيٓ أَحۡسَنَ وَتَفۡصِيلࣰ ا لِّكُلِّ شَيۡءࣲ وَهُدࣰ ى وَرَحۡمَةࣰ لَّعَلَّهُم بِلِقَآءِ رَبِّهِمۡ يُؤۡمِنُونَ

Hanyuma twaramuhaye intumwa y’Imana Mussa (iii) igitabu kubera uwagize ineza nukuba ari ibiganiro vy’ibintu vyose hamwe n’uburongozi n’impuhwe kugira ngo bemere ihwaniro ryabo hamwe n’Umuremyi wabo

Ayah 154

وَهَٰذَا كِتَٰبٌ أَنزَلۡنَٰهُ مُبَارَكࣱ فَٱتَّبِعُوهُ وَٱتَّقُواْ لَعَلَّكُمۡ تُرۡحَمُونَ

N’iyi Qur’ani ntagatifu n’igitabu twamanuye gifise imigisha myinshi cane, rero nimugikurikire kandi mube mubaninahaza Imana kugira ngo muhabwe impuhwe z’Imana

Ayah 155

أَن تَقُولُوٓاْ إِنَّمَآ أُنزِلَ ٱلۡكِتَٰبُ عَلَىٰ طَآئِفَتَيۡنِ مِن قَبۡلِنَا وَإِن كُنَّا عَن دِرَاسَتِهِمۡ لَغَٰفِلِينَ

Ntimuze muvuge muti:- mu vy’ukuri ibitabu vyamanuwe kubera imirwi ibiri yabayeho imbere yacu, natwe ntamakuru twari dufise yivyo bahora basoma

Ayah 156

أَوۡ تَقُولُواْ لَوۡ أَنَّآ أُنزِلَ عَلَيۡنَا ٱلۡكِتَٰبُ لَكُنَّآ أَهۡدَىٰ مِنۡهُمۡۚ فَقَدۡ جَآءَكُم بَيِّنَةࣱ مِّن رَّبِّكُمۡ وَهُدࣰ ى وَرَحۡمَةࣱۚ فَمَنۡ أَظۡلَمُ مِمَّن كَذَّبَ بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِ وَصَدَفَ عَنۡهَاۗ سَنَجۡزِي ٱلَّذِينَ يَصۡدِفُونَ عَنۡ ءَايَٰتِنَا سُوٓءَ ٱلۡعَذَابِ بِمَا كَانُواْ يَصۡدِفُونَ

Canke mukavuga muti:- iyo tumanurirwa igitabu ntankeka twari kurongoka kubasumba, rero mwarashikiwe n’ivyemezo biri k’umugaragaro bivuye ku Muremyi wanyu hamwe n’uburongozi n’impuhwe zayo, none ni nde muhemu mukuru gusumba uwahakanye amajambo y’Imana nukuba kure yayo majambo y’Imana matagatifu? Tuzohemba bamwe baja kure y’amajambo yacu matagatifu tubahe ibihano bibi kubera ukwiyonkora kwabo

Ayah 157

هَلۡ يَنظُرُونَ إِلَّآ أَن تَأۡتِيَهُمُ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ أَوۡ يَأۡتِيَ رَبُّكَ أَوۡ يَأۡتِيَ بَعۡضُ ءَايَٰتِ رَبِّكَۗ يَوۡمَ يَأۡتِي بَعۡضُ ءَايَٰتِ رَبِّكَ لَا يَنفَعُ نَفۡسًا إِيمَٰنُهَا لَمۡ تَكُنۡ ءَامَنَتۡ مِن قَبۡلُ أَوۡ كَسَبَتۡ فِيٓ إِيمَٰنِهَا خَيۡرࣰ اۗ قُلِ ٱنتَظِرُوٓاْ إِنَّا مُنتَظِرُونَ

Barindiriye ikindi kintu kugira ngo bashikire Abamarayika, canke bashikirwe n’ibihano bikwiye vy’umuremyi wawe, canke hashike bimwe mubimenyetso vy’Umuremyi wawe, k’umusi hazoshika bimwe mubimenyetso vy’Umuremyi wawe, rero umuntu ntakintu nakimwe kizomufasha kukwemera kwiwe, rero uwahora atemera kuva kera canke atagize ineza mubu Isilamu bwiwe wewe vuga uti:- ni murindire natwe turarindiriye

Ayah 158

إِنَّ ٱلَّذِينَ فَرَّقُواْ دِينَهُمۡ وَكَانُواْ شِيَعࣰ ا لَّسۡتَ مِنۡهُمۡ فِي شَيۡءٍۚ إِنَّمَآ أَمۡرُهُمۡ إِلَى ٱللَّهِ ثُمَّ يُنَبِّئُهُم بِمَا كَانُواْ يَفۡعَلُونَ

Mu vy’ukuri bamwe bacanishije idini ryabo nukuba imirwi n’iyindi, ntamigenderanire iri hagati yawe nabo, ntankeka urubanza rwabo ruri ku Mana hanyuma izo babwira ivyo bahora bagira

Ayah 159

مَن جَآءَ بِٱلۡحَسَنَةِ فَلَهُۥ عَشۡرُ أَمۡثَالِهَاۖ وَمَن جَآءَ بِٱلسَّيِّئَةِ فَلَا يُجۡزَىٰٓ إِلَّا مِثۡلَهَا وَهُمۡ لَا يُظۡلَمُونَ

Uwuzogira igikorwa ciza, azohembwa nkuko yagikoze incuro cumi, n’uwuzogira igikorwa kibi ntazorihwa atari kubingana nivyo yakoreye kandi ntibazo hemukirwa

Ayah 160

قُلۡ إِنَّنِي هَدَىٰنِي رَبِّيٓ إِلَىٰ صِرَٰطࣲ مُّسۡتَقِيمࣲ دِينࣰ ا قِيَمࣰ ا مِّلَّةَ إِبۡرَٰهِيمَ حَنِيفࣰ اۚ وَمَا كَانَ مِنَ ٱلۡمُشۡرِكِينَ

Vuga uti:- mu vy’ukuri jewe Umuremyi wanje yarandongoye munzira igororotse y’idini ry’ukuri, kuko ariryo dini ry’intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) kuko yari indongozi, kandi ntiyari mu bantu bagereranya Imana n’ibindi bintu

Ayah 161

قُلۡ إِنَّ صَلَاتِي وَنُسُكِي وَمَحۡيَايَ وَمَمَاتِي لِلَّهِ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ

Vuga uti:- mu vy’ukuri amasengesho yanje, hamwe n’ibisabisho vyanje, n’ubuzima bwanje, n’urupfu rwanje, vyose biri ku Mana, Umuremyi w’ibiremwa vyose

Ayah 162

لَا شَرِيكَ لَهُۥۖ وَبِذَٰلِكَ أُمِرۡتُ وَأَنَا۠ أَوَّلُ ٱلۡمُسۡلِمِينَ

Ntawe bicuditse nawe, nibi nivyo nategetswe n’Imana yanje, nanje ndi mubambere mubitanze kuba ndi umu Isilamu

Ayah 163

قُلۡ أَغَيۡرَ ٱللَّهِ أَبۡغِي رَبࣰّ ا وَهُوَ رَبُّ كُلِّ شَيۡءࣲۚ وَلَا تَكۡسِبُ كُلُّ نَفۡسٍ إِلَّا عَلَيۡهَاۚ وَلَا تَزِرُ وَازِرَةࣱ وِزۡرَ أُخۡرَىٰۚ ثُمَّ إِلَىٰ رَبِّكُم مَّرۡجِعُكُمۡ فَيُنَبِّئُكُم بِمَا كُنتُمۡ فِيهِ تَخۡتَلِفُونَ

Vuga uti:- mbega mfate uwundi muremyi atari Imana mugihe ariwe muremyi w’ibintu vyose, n’umutima w’umuntu uwariwe wese ntugira ibicumuro atari kubwawo wonyene, canke uwuzo kwikorera ntazokwikorera ikintu c’uwundi muntu, hanyuma ingaruka yanyu ni ku Muremyi wanyu nayo izobabwira ivyo mwahora mutumvikana ko

Ayah 164

وَهُوَ ٱلَّذِي جَعَلَكُمۡ خَلَٰٓئِفَ ٱلۡأَرۡضِ وَرَفَعَ بَعۡضَكُمۡ فَوۡقَ بَعۡضࣲ دَرَجَٰتࣲ لِّيَبۡلُوَكُمۡ فِي مَآ ءَاتَىٰكُمۡۗ إِنَّ رَبَّكَ سَرِيعُ ٱلۡعِقَابِ وَإِنَّهُۥ لَغَفُورࣱ رَّحِيمُۢ

Nayo niyo yabagiriye ngo mufate ibibanza vy’ababayeho ng’aha kw’Isi, hanyuma yarabahaye iteka bamwe muri mwebwe kubandi kandi rininiya kugira ngo ibahe ibibazo kuri ivyo yabahaye, mu vy’ukuri Umuremyi wawe aroroshe cane muguhana mu vy’ukuri niyo nyene imbabazi nyinshi na nyene Impuhwe zihagije

Ayah 165