Surah At-Taariq — The Morning Star
Surah At-Taariq (The Morning Star) is chapter 86 of the Quran, with 17 verses. This page presents the Arabic text with a Kirundi translation, verse by verse.
وَٱلسَّمَآءِ وَٱلطَّارِقِ
Ndarahiye ku Majuru hamwe n’icoza mw’Ijoro
Ayah 1وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا ٱلطَّارِقُ
None n’igiki kizo kumenyesha ico kintu kizoza mw’Ijoro
Ayah 2ٱلنَّجۡمُ ٱلثَّاقِبُ
N’Inyenyeri yaka cane
Ayah 3إِن كُلُّ نَفۡسࣲ لَّمَّا عَلَيۡهَا حَافِظࣱ
Nta mutima w’Umuntu uwariwe wese atari uko ufise uwuwu cungereye hejuru yiwe
Ayah 4فَلۡيَنظُرِ ٱلۡإِنسَٰنُ مِمَّ خُلِقَ
Ahubwo umuntu niyirabe neza, yaremwe mu kintu nyabaki
Ayah 5خُلِقَ مِن مَّآءࣲ دَافِقࣲ
Yaremwe mumazi asunitswe
Ayah 6يَخۡرُجُ مِنۢ بَيۡنِ ٱلصُّلۡبِ وَٱلتَّرَآئِبِ
Avuye hagati y’amagufa y’umugongo n’igikiriza
Ayah 7إِنَّهُۥ عَلَىٰ رَجۡعِهِۦ لَقَادِرࣱ
Mu vy’ukuri Imana irafise ubushobozi bw’ukumugarura
Ayah 8يَوۡمَ تُبۡلَى ٱلسَّرَآئِرُ
Umusi hazoserurwa amabanga y’abantu bose
Ayah 9فَمَا لَهُۥ مِن قُوَّةࣲ وَلَا نَاصِرࣲ
Rero nta bushobozi azoba afise canke umufasha
Ayah 10وَٱلسَّمَآءِ ذَاتِ ٱلرَّجۡعِ
Ndarahiye kubicu bizana imvura
Ayah 11وَٱلۡأَرۡضِ ذَاتِ ٱلصَّدۡعِ
No kw’Isi isaduka ikazana ibiterwa
Ayah 12إِنَّهُۥ لَقَوۡلࣱ فَصۡلࣱ
Yuko iyi Qur’ani ntagatifu, n’imvugo itandukanya ukuri kwama
Ayah 13وَمَا هُوَ بِٱلۡهَزۡلِ
Kandi si ibijajuro
Ayah 14إِنَّهُمۡ يَكِيدُونَ كَيۡدࣰ ا
Mu vy’ukuri n’abagira ingeso kuzindi
Ayah 15وَأَكِيدُ كَيۡدࣰ ا
Nanje izo ngeso zabo ndazitereye kure
Ayah 16فَمَهِّلِ ٱلۡكَٰفِرِينَ أَمۡهِلۡهُمۡ رُوَيۡدَۢا
Nubahe abo bahakanyi b’Imana y’ukuri, umwanya mutoyi gusa
Ayah 17