Surah Al-Burooj — The Constellations
Surah Al-Burooj (The Constellations) is chapter 85 of the Quran, with 22 verses. This page presents the Arabic text with a Kirundi translation, verse by verse.
وَٱلسَّمَآءِ ذَاتِ ٱلۡبُرُوجِ
Ndarahiye ku Majuru afise Inyenyeri
Ayah 1وَٱلۡيَوۡمِ ٱلۡمَوۡعُودِ
No k’umusi w’isango bemerewe
Ayah 2وَشَاهِدࣲ وَمَشۡهُودࣲ
N’uwuzoba icabona kuki boneshwa
Ayah 3قُتِلَ أَصۡحَٰبُ ٱلۡأُخۡدُودِ
Barahonejwe abantu batoteje aba Isilamu bari kubirindiro vyabo vyo mubinogo
Ayah 4ٱلنَّارِ ذَاتِ ٱلۡوَقُودِ
Bifise umuriro w’inkwi nyinshi cane
Ayah 5إِذۡ هُمۡ عَلَيۡهَا قُعُودࣱ
Mugihe bari bicaye ngaho
Ayah 6وَهُمۡ عَلَىٰ مَا يَفۡعَلُونَ بِٱلۡمُؤۡمِنِينَ شُهُودࣱ
Nabo bitegereza ivyo bagirirwa abo ba Isilamu
Ayah 7وَمَا نَقَمُواْ مِنۡهُمۡ إِلَّآ أَن يُؤۡمِنُواْ بِٱللَّهِ ٱلۡعَزِيزِ ٱلۡحَمِيدِ
Nabo batara bona inabi iyariyo yose kuri bo, atari ukwemera Imana yabo ariyo nyene intsinzi n’uguhayagizwa bimwe bikwiye
Ayah 8ٱلَّذِي لَهُۥ مُلۡكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ وَٱللَّهُ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءࣲ شَهِيدٌ
Ikaba ariyo nyene ubwami bw’Amajuru n’Isi, n’Imana niyo ibona ibintu vyose
Ayah 9إِنَّ ٱلَّذِينَ فَتَنُواْ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ وَٱلۡمُؤۡمِنَٰتِ ثُمَّ لَمۡ يَتُوبُواْ فَلَهُمۡ عَذَابُ جَهَنَّمَ وَلَهُمۡ عَذَابُ ٱلۡحَرِيقِ
Mu vy’ukuri bamwe batoteza aba Isilamu b’abagabo hamwe naba Isilamu kazi, hanyuma ntibasabe imbabazi, abo bantu bazoronka ibihano vyo mu muriro udahera witiriwe Jahannamu, kandi bazoronka ibihano biba turira neza cane
Ayah 10إِنَّ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ لَهُمۡ جَنَّٰتࣱ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُۚ ذَٰلِكَ ٱلۡفَوۡزُ ٱلۡكَبِيرُ
Mu vy’ukuri bamwe bemera Imana yabo y’ukuri, nukugira ibikorwa vyiza ntankeka bazoronka imirima irimwo inzuzi zica imbere yabo, iyi niyo ntsinzi niniya
Ayah 11إِنَّ بَطۡشَ رَبِّكَ لَشَدِيدٌ
Mu vy’ukuri uguhana kw’Umuremyi wawe kurakaze cane
Ayah 12إِنَّهُۥ هُوَ يُبۡدِئُ وَيُعِيدُ
Niyo yatanguje kurema ibiremwa vyose naniyo izobagarura
Ayah 13وَهُوَ ٱلۡغَفُورُ ٱلۡوَدُودُ
Nayo niyo ifise ikigongwe cinshi, n’ugukunda ibiremwa vyayo vyose
Ayah 14ذُو ٱلۡعَرۡشِ ٱلۡمَجِيدُ
Nyene inyegamo y’iteka ntagatifu
Ayah 15فَعَّالࣱ لِّمَا يُرِيدُ
Umugizi w’ukugira ico yishakiye cose
Ayah 16هَلۡ أَتَىٰكَ حَدِيثُ ٱلۡجُنُودِ
Mbega warashikiwe n’inkuru z’ingabo z’abatemera Imana yabo y’ukuri
Ayah 17فِرۡعَوۡنَ وَثَمُودَ
Ariwe Fir’auni hamwe na Thamudu
Ayah 18بَلِ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ فِي تَكۡذِيبࣲ
Mugabo abahakanye Imana yabo y’ukuri bagumye badadaza gusa
Ayah 19وَٱللَّهُ مِن وَرَآئِهِم مُّحِيطُۢ
N’Imana iraba kikuje kumpande zose
Ayah 20بَلۡ هُوَ قُرۡءَانࣱ مَّجِيدࣱ
Ahubwo iyi ni Qur’ani ntagatifu
Ayah 21فِي لَوۡحࣲ مَّحۡفُوظِۭ
Kuri urwo rubaho rushinguwe neza
Ayah 22