Surah Ad-Dukhaan — The Smoke
Surah Ad-Dukhaan (The Smoke) is chapter 44 of the Quran, with 59 verses. This page presents the Arabic text with a Kirundi translation, verse by verse.
حمٓ
Ha, Miiym. (Insiguro y’izi ndome hamwe n’uwufise ubumenyi bwazo zose n’Imana yonyene gusa)
Ayah 1وَٱلۡكِتَٰبِ ٱلۡمُبِينِ
Ndarahiye kuri iki gitabu gitagatifu kigaragaza kubintu vyose vyipfuzwa
Ayah 2إِنَّآ أَنزَلۡنَٰهُ فِي لَيۡلَةࣲ مُّبَٰرَكَةٍۚ إِنَّا كُنَّا مُنذِرِينَ
Mu vy’ukuri twebwe twamanuye iyi Qur’aani ntagatifu mw’ijoro ryahezagiwe, ntankeka rero twebwe turi mu bantu bagabisha
Ayah 3فِيهَا يُفۡرَقُ كُلُّ أَمۡرٍ حَكِيمٍ
Muri iri joro niho hagaragazwa ibintu vyose bijanye n’ubuhizi
Ayah 4أَمۡرࣰ ا مِّنۡ عِندِنَآۚ إِنَّا كُنَّا مُرۡسِلِينَ
Iwacu niho havuye intahe mu vy’ukuri twebwe turi muba rungikwa
Ayah 5رَحۡمَةࣰ مِّن رَّبِّكَۚ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلسَّمِيعُ ٱلۡعَلِيمُ
N’umuhezagiro uvuye ku Muremyi wawe, ntankeka niyo yumva kandi niyo ifise ubumenyi buhagije
Ayah 6رَبِّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَمَا بَيۡنَهُمَآۖ إِن كُنتُم مُّوقِنِينَ
N’Umuremyi w’Amajuru n’Isi hamwe nibiri muri ivyo vyose, nimwaba mufise icizero nyakuri
Ayah 7لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَ يُحۡيِۦ وَيُمِيتُۖ رَبُّكُمۡ وَرَبُّ ءَابَآئِكُمُ ٱلۡأَوَّلِينَ
Ntawundi asengwa bimwe vy’ukuri atari Imana yonyene gusa, niwe arema nukwica, niwe Muremyi wanyu kandi niwe Muremyi w’abavyeyi banyu baho hambere
Ayah 8بَلۡ هُمۡ فِي شَكࣲّ يَلۡعَبُونَ
Mugabo abo bahakanyi b’Imana y’ukuri barafise amakenga nugu fyinata gusa
Ayah 9فَٱرۡتَقِبۡ يَوۡمَ تَأۡتِي ٱلسَّمَآءُ بِدُخَانࣲ مُّبِينࣲ
Rero nurorere wamusi Amajuru azozana umwotsi ubonerana neza na neza
Ayah 10يَغۡشَى ٱلنَّاسَۖ هَٰذَا عَذَابٌ أَلِيمࣱ
Uzopfuka abantu baze bavuge bati:- ibi n’ibihano bibabaza
Ayah 11رَّبَّنَا ٱكۡشِفۡ عَنَّا ٱلۡعَذَابَ إِنَّا مُؤۡمِنُونَ
Muremyi wacu, nudukurire ibi bihano mu vy’ukuri twebwe tuzo kwemera
Ayah 12أَنَّىٰ لَهُمُ ٱلذِّكۡرَىٰ وَقَدۡ جَآءَهُمۡ رَسُولࣱ مُّبِينࣱ
N’akahe kamaro kukwibuka kwabo mugihe bamaze gushikirwa n’intumwa y’Imana iba garagariza ibintu vyose
Ayah 13ثُمَّ تَوَلَّوۡاْ عَنۡهُ وَقَالُواْ مُعَلَّمࣱ مَّجۡنُونٌ
Baciye babaha ibitugu bavuga bati:- uyu muntu yarigishijwe, kandi n’umusazi
Ayah 14إِنَّا كَاشِفُواْ ٱلۡعَذَابِ قَلِيلًاۚ إِنَّكُمۡ عَآئِدُونَ
Mu vy’ukuri twebwe tuzokuraho ibihano bikeyi gusa mugabo turazi neza yuko muzo subira mubikorwa vyanyu vy’ububisha bugaritse
Ayah 15يَوۡمَ نَبۡطِشُ ٱلۡبَطۡشَةَ ٱلۡكُبۡرَىٰٓ إِنَّا مُنتَقِمُونَ
Umusi tuzobatera igitero ntamusiga, ntankeka twebwe turi abahanyi bimwe vy’akarorero
Ayah 16۞وَلَقَدۡ فَتَنَّا قَبۡلَهُمۡ قَوۡمَ فِرۡعَوۡنَ وَجَآءَهُمۡ رَسُولࣱ كَرِيمٌ
Mu vy’ukuri imbere yabo twebwe twara bagiriye ibibazo abantu bo kwa Fir’auni mugihe bashikirwa n’intumwa y’Imana y’iteka
Ayah 17أَنۡ أَدُّوٓاْ إِلَيَّ عِبَادَ ٱللَّهِۖ إِنِّي لَكُمۡ رَسُولٌ أَمِينࣱ
Ni mumpe abantu beranda b’Imana, mu vy’ukuri jewe nd’intumwa y’Imana yizigirwa
Ayah 18وَأَن لَّا تَعۡلُواْ عَلَى ٱللَّهِۖ إِنِّيٓ ءَاتِيكُم بِسُلۡطَٰنࣲ مُّبِينࣲ
Kandi ntimwishime cane imbere y’Imana jewe mu vy’ukuri nzobazanira ivyemezo biri k’umugaragaro
Ayah 19وَإِنِّي عُذۡتُ بِرَبِّي وَرَبِّكُمۡ أَن تَرۡجُمُونِ
Nanje nikinze k’Umuremyi wanje no k’Umuremyi wanyu kugira ngo ntimu njugunyire ko iminana
Ayah 20وَإِن لَّمۡ تُؤۡمِنُواْ لِي فَٱعۡتَزِلُونِ
Nimwaba muta nyemera nimube kure yanje
Ayah 21فَدَعَا رَبَّهُۥٓ أَنَّ هَٰٓؤُلَآءِ قَوۡمࣱ مُّجۡرِمُونَ
Niho yasaba Umuremyi wiwe yuko ari abantu babi cane
Ayah 22فَأَسۡرِ بِعِبَادِي لَيۡلًا إِنَّكُم مُّتَّبَعُونَ
Rero nugende hamwe n’abantu banje beranda mw’ijoro kuko mu vy’ukuri mwebwe muzo kurikiranwa atagisivya
Ayah 23وَٱتۡرُكِ ٱلۡبَحۡرَ رَهۡوًاۖ إِنَّهُمۡ جُندࣱ مُّغۡرَقُونَ
Nureke ico kiyaga mu vy’ukuri izo n’ingabo tuzokwibizwa
Ayah 24كَمۡ تَرَكُواْ مِن جَنَّٰتࣲ وَعُيُونࣲ
N‘imirima ingahe hamwe n’amasoko angana gute basize
Ayah 25وَزُرُوعࣲ وَمَقَامࣲ كَرِيمࣲ
N’ibiterwa hamwe n’ahantu heza
Ayah 26وَنَعۡمَةࣲ كَانُواْ فِيهَا فَٰكِهِينَ
N’imigisha mininiya bamye binezereza ko
Ayah 27كَذَٰلِكَۖ وَأَوۡرَثۡنَٰهَا قَوۡمًا ءَاخَرِينَ
Uku rero niko twabahaye ibisigi abandi bantu nk’abo
Ayah 28فَمَا بَكَتۡ عَلَيۡهِمُ ٱلسَّمَآءُ وَٱلۡأَرۡضُ وَمَا كَانُواْ مُنظَرِينَ
Amajuru n’Isi ntiyarize kuribo, kandi ntibahawe n’umwanya na mutoyi
Ayah 29وَلَقَدۡ نَجَّيۡنَا بَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ مِنَ ٱلۡعَذَابِ ٱلۡمُهِينِ
Kandi ntankeka twarabarokoye bene Israeri kubihano vy’ukuba tetereza
Ayah 30مِن فِرۡعَوۡنَۚ إِنَّهُۥ كَانَ عَالِيࣰ ا مِّنَ ٱلۡمُسۡرِفِينَ
Bivuye kwa Fir’auni mu vy’ukuri niwe yari afise amanyama gusumba abimonogoje mukurenga akarimbi kagenywe n’Imana
Ayah 31وَلَقَدِ ٱخۡتَرۡنَٰهُمۡ عَلَىٰ عِلۡمٍ عَلَى ٱلۡعَٰلَمِينَ
Duca dutora mwo kubera ubumenyi bwacu gusumba abandi bantu
Ayah 32وَءَاتَيۡنَٰهُم مِّنَ ٱلۡأٓيَٰتِ مَا فِيهِ بَلَٰٓؤࣱ اْ مُّبِينٌ
Tubaha mubintu vyacu murivyo harimwo imigisha mininiya kandi iri k’umugaragaro
Ayah 33إِنَّ هَٰٓؤُلَآءِ لَيَقُولُونَ
Mu vy’ukuri aba bahakanyi b’Imana yabo y’ukuri, bavuga bati
Ayah 34إِنۡ هِيَ إِلَّا مَوۡتَتُنَا ٱلۡأُولَىٰ وَمَا نَحۡنُ بِمُنشَرِينَ
Ntarupfu rwamyeho atari rwarupfu rwacu rwambere, kandi twebwe ntituzozurwa
Ayah 35فَأۡتُواْ بِـَٔابَآئِنَآ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ
Rero nimu tugarurire abavyeyi bacu basandavye kuva kera nimwaba muvugisha ukuri
Ayah 36أَهُمۡ خَيۡرٌ أَمۡ قَوۡمُ تُبَّعࣲ وَٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡ أَهۡلَكۡنَٰهُمۡۚ إِنَّهُمۡ كَانُواْ مُجۡرِمِينَ
Mbega nibo beza canke abantu bo kwa Tubba’a hamwe n’abari imbere yabo, mu vy’ukuri twebwe twaraba honeje kuko bari mu bantu babi cane
Ayah 37وَمَا خَلَقۡنَا ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ وَمَا بَيۡنَهُمَا لَٰعِبِينَ
Ntitwaremye Amajuru n’Isi hamwe n’ibirimwo vyose ngo n’ugufyinata
Ayah 38مَا خَلَقۡنَٰهُمَآ إِلَّا بِٱلۡحَقِّ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ
Ntitwabiremye atari uko ari ivy’ukuri, mugabo benshi muribo ntavyo bazi
Ayah 39إِنَّ يَوۡمَ ٱلۡفَصۡلِ مِيقَٰتُهُمۡ أَجۡمَعِينَ
Mu vy’ukuri umusi w’intahe rukokoma y’ukuri n’umwanya wagenywe kuri bose
Ayah 40يَوۡمَ لَا يُغۡنِي مَوۡلًى عَن مَّوۡلࣰ ى شَيۡـࣰٔ ا وَلَا هُمۡ يُنصَرُونَ
Umusi waho incuti itazofasha mugenziwe kukintu icarico cose kandi ntibazorokoka
Ayah 41إِلَّا مَن رَّحِمَ ٱللَّهُۚ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ
Dukuyemwo abo Imana izoba yahezagiye kuko ariyo ifise ubushobozi n’imigisha ihagije
Ayah 42إِنَّ شَجَرَتَ ٱلزَّقُّومِ
Ntankeka hari igiti citiriwe Zaqquum
Ayah 43طَعَامُ ٱلۡأَثِيمِ
N’igifungura abahakanyi b’Imana y’ukuri
Ayah 44كَٱلۡمُهۡلِ يَغۡلِي فِي ٱلۡبُطُونِ
Ni nk’umujumpu washuhijwe ubirira munda zabo
Ayah 45كَغَلۡيِ ٱلۡحَمِيمِ
Ukabira nk’amazi y’amarike
Ayah 46خُذُوهُ فَٱعۡتِلُوهُ إِلَىٰ سَوَآءِ ٱلۡجَحِيمِ
Nimu mufate kandi mumute mu muriro udahera witiriwe Jahannamu
Ayah 47ثُمَّ صُبُّواْ فَوۡقَ رَأۡسِهِۦ مِنۡ عَذَابِ ٱلۡحَمِيمِ
Hanyuma mumusukire hejuru y’umutwe wiwe y’amazi ashushe y’amarike ahonje ibihano vyayo mazi
Ayah 48ذُقۡ إِنَّكَ أَنتَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡكَرِيمُ
Nuhonje, wari mubabtu b’inguvu kandi bafise n’iteka
Ayah 49إِنَّ هَٰذَا مَا كُنتُم بِهِۦ تَمۡتَرُونَ
Mu vy’ukuri ibi nivya bihano mwahora muharira ko
Ayah 50إِنَّ ٱلۡمُتَّقِينَ فِي مَقَامٍ أَمِينࣲ
Ntankeka bamwe batinya Imana yabo y’ukuri bazoba bari mubibanza vy’amahoro
Ayah 51فِي جَنَّٰتࣲ وَعُيُونࣲ
Bazoba bari mumirima irimwo n’amasoko y’amazi
Ayah 52يَلۡبَسُونَ مِن سُندُسࣲ وَإِسۡتَبۡرَقࣲ مُّتَقَٰبِلِينَ
Bazo kwambara impuzu zihwahutse nizi remereye kandi barabana
Ayah 53كَذَٰلِكَ وَزَوَّجۡنَٰهُم بِحُورٍ عِينࣲ
Uku niko tuzoha abo bazo kwubakana nabo iyo mw’ijuru
Ayah 54يَدۡعُونَ فِيهَا بِكُلِّ فَٰكِهَةٍ ءَامِنِينَ
Bazoba iyo mw’ijuru baronka ubwoko bwose bw’ivyamwa kandi babeyo mumahoro ntangere
Ayah 55لَا يَذُوقُونَ فِيهَا ٱلۡمَوۡتَ إِلَّا ٱلۡمَوۡتَةَ ٱلۡأُولَىٰۖ وَوَقَىٰهُمۡ عَذَابَ ٱلۡجَحِيمِ
Iyo mw’ijuru ntibazo honjerayo urupfu atari rwarupfu rwambere, n’Imana izobakingira n’ibihano vyo muriro witiriwe Jahannamu
Ayah 56فَضۡلࣰ ا مِّن رَّبِّكَۚ ذَٰلِكَ هُوَ ٱلۡفَوۡزُ ٱلۡعَظِيمُ
Kumihezagiro izoba ivuye ku Muremyi wawe iyo niyo izoba ari itsinzi ikomeye cane
Ayah 57فَإِنَّمَا يَسَّرۡنَٰهُ بِلِسَانِكَ لَعَلَّهُمۡ يَتَذَكَّرُونَ
Rero twebwe twayoroheje cane iyi Qur’aani ntagatifu kururimi rwawe kugira ngo abantu bibuke
Ayah 58فَٱرۡتَقِبۡ إِنَّهُم مُّرۡتَقِبُونَ
Nurindire gusa nabone aho bari bararindiriye
Ayah 59