Surah Ash-Shams — The Sun

Surah Ash-Shams (The Sun) is chapter 91 of the Quran, with 15 verses. This page presents the Arabic text with a Kirundi translation, verse by verse.

وَٱلشَّمۡسِ وَضُحَىٰهَا

Ndarahiye kw’Izuba no kumishwarara yaryo

Ayah 1

وَٱلۡقَمَرِ إِذَا تَلَىٰهَا

No k’Ukwezi kugu kurikira

Ayah 2

وَٱلنَّهَارِ إِذَا جَلَّىٰهَا

No k’Umutaga uku boneshereza

Ayah 3

وَٱلَّيۡلِ إِذَا يَغۡشَىٰهَا

No kw’Ijoro mugihe kuripfuse

Ayah 4

وَٱلسَّمَآءِ وَمَا بَنَىٰهَا

No ku Majuru hamwe n’uwayubatse

Ayah 5

وَٱلۡأَرۡضِ وَمَا طَحَىٰهَا

No kw’Isi hamwe n’uwayishashe

Ayah 6

وَنَفۡسࣲ وَمَا سَوَّىٰهَا

No k’umutima hamwe n’uwawuringanije

Ayah 7

فَأَلۡهَمَهَا فُجُورَهَا وَتَقۡوَىٰهَا

Hanyuma arawubwira amabi y’awo n’ivyiza vyawo

Ayah 8

قَدۡ أَفۡلَحَ مَن زَكَّىٰهَا

Ntankeka arafise intsinzi uwasukuye umutima wiwe

Ayah 9

وَقَدۡ خَابَ مَن دَسَّىٰهَا

Kandi ntankeka yarahomvye uwa cinyije umutima wiwe

Ayah 10

كَذَّبَتۡ ثَمُودُ بِطَغۡوَىٰهَآ

Ba Thamuda barahakanye Umuremyi wabo kubera ukuzimira kwabo

Ayah 11

إِذِ ٱنۢبَعَثَ أَشۡقَىٰهَا

Mugihe yahagarara umwe mubabisha babo mukuru

Ayah 12

فَقَالَ لَهُمۡ رَسُولُ ٱللَّهِ نَاقَةَ ٱللَّهِ وَسُقۡيَٰهَا

Aho niho intumwa y’Imana yababwira iti:- iyi n’Ingamiya y’Imana ni muyireke hamwe n’ibinyobwa vyayo

Ayah 13

فَكَذَّبُوهُ فَعَقَرُوهَا فَدَمۡدَمَ عَلَيۡهِمۡ رَبُّهُم بِذَنۢبِهِمۡ فَسَوَّىٰهَا

Mugabo barayihakanye iyo ntumwa y’Imana barayica, kuri ivyo rero Umuremyi wabo aca arabahonya kubera ibicumuro vyabo nukuba hanagura burundu

Ayah 14

وَلَا يَخَافُ عُقۡبَٰهَا

Kandi ntibatinya ingaruka yavyo

Ayah 15