Surah An-Najm — The Star
Surah An-Najm (The Star) is chapter 53 of the Quran, with 62 verses. This page presents the Arabic text with a Kirundi translation, verse by verse.
وَٱلنَّجۡمِ إِذَا هَوَىٰ
Ndarahiye k’unyenyeri zikorotse
Ayah 1مَا ضَلَّ صَاحِبُكُمۡ وَمَا غَوَىٰ
Yuko umuntu wanyu atazimiye canke atakosheje
Ayah 2وَمَا يَنطِقُ عَنِ ٱلۡهَوَىٰٓ
Kandi ntavuga amajambo k’ugushaka kwiwe
Ayah 3إِنۡ هُوَ إِلَّا وَحۡيࣱ يُوحَىٰ
Ntivyari kuba ibi vyose avuga atari uko ari ubutumwa bw’Imana yahawe
Ayah 4عَلَّمَهُۥ شَدِيدُ ٱلۡقُوَىٰ
Yaramwigishije uwufise inguvu nyinshi cane
Ayah 5ذُو مِرَّةࣲ فَٱسۡتَوَىٰ
Uwufise ububasha nawe afise uburinganire bukwiye
Ayah 6وَهُوَ بِٱلۡأُفُقِ ٱلۡأَعۡلَىٰ
Nawe akaba ari mukirere c’ukubona ibiri hejuru cane
Ayah 7ثُمَّ دَنَا فَتَدَلَّىٰ
Hanyuma aregera n’ukumanuka
Ayah 8فَكَانَ قَابَ قَوۡسَيۡنِ أَوۡ أَدۡنَىٰ
Guca kuba ubube bw’abo bwo hafi nk’umuheto n ’uwundi biri hafi cane
Ayah 9فَأَوۡحَىٰٓ إِلَىٰ عَبۡدِهِۦ مَآ أَوۡحَىٰ
Ica imwereka uyo mukozi wiwe kuvyo yeretswe
Ayah 10مَا كَذَبَ ٱلۡفُؤَادُ مَا رَأَىٰٓ
Umutima ntiwabeshe kuvyo wabonye
Ayah 11أَفَتُمَٰرُونَهُۥ عَلَىٰ مَا يَرَىٰ
Mbega muharira nawe kubintu yibonera
Ayah 12وَلَقَدۡ رَءَاهُ نَزۡلَةً أُخۡرَىٰ
Yaramubonye ubugira kabiri kw’imanuka ryiwe
Ayah 13عِندَ سِدۡرَةِ ٱلۡمُنتَهَىٰ
Kugiti c’amaherezo ryayo kiriho
Ayah 14عِندَهَا جَنَّةُ ٱلۡمَأۡوَىٰٓ
Hafi yaho niho hari uwo murima uzovyagira mwo abantu beranda
Ayah 15إِذۡ يَغۡشَى ٱلسِّدۡرَةَ مَا يَغۡشَىٰ
Mugihe capfuka ico giti nica gipfuse
Ayah 16مَا زَاغَ ٱلۡبَصَرُ وَمَا طَغَىٰ
Ijisho naryo ntirya buragijwe canke ntiryarenze akarimbi
Ayah 17لَقَدۡ رَأَىٰ مِنۡ ءَايَٰتِ رَبِّهِ ٱلۡكُبۡرَىٰٓ
Mu vy’ukuri yarabonye ibintu bikuru bikuru mu bimenyetso vy’Umuremyi wiwe
Ayah 18أَفَرَءَيۡتُمُ ٱللَّٰتَ وَٱلۡعُزَّىٰ
Mbega mwarabonye uwitwa Laata hamwe na Uzzaa
Ayah 19وَمَنَوٰةَ ٱلثَّالِثَةَ ٱلۡأُخۡرَىٰٓ
Hamwe n’uwitwa Manaata agira gatatu
Ayah 20أَلَكُمُ ٱلذَّكَرُ وَلَهُ ٱلۡأُنثَىٰ
Mbega mwebwe murafise ibibondo vy’abahungu nayo ikaba ifise ibibondo vy’abakobwa
Ayah 21تِلۡكَ إِذࣰ ا قِسۡمَةࣱ ضِيزَىٰٓ
Iryo n’igabanganywa ry’ubuhemu gusa
Ayah 22إِنۡ هِيَ إِلَّآ أَسۡمَآءࣱ سَمَّيۡتُمُوهَآ أَنتُمۡ وَءَابَآؤُكُم مَّآ أَنزَلَ ٱللَّهُ بِهَا مِن سُلۡطَٰنٍۚ إِن يَتَّبِعُونَ إِلَّا ٱلظَّنَّ وَمَا تَهۡوَى ٱلۡأَنفُسُۖ وَلَقَدۡ جَآءَهُم مِّن رَّبِّهِمُ ٱلۡهُدَىٰٓ
Ntivyari kuba ibi vyose atari uko ari amazina gusa mwabahaye mwebwe hamwe n’abavyeyi banyu, Imana rero ntiyamanuye ibimenyetso kuri ivyo kuko badakurikiza atari ivyo bikeka ko nivyo imitima yabo yipfuza, mu vy’ukuri uburokoke bwabashikiye buvuye kumuremyi wabo
Ayah 23أَمۡ لِلۡإِنسَٰنِ مَا تَمَنَّىٰ
Mbega umuntu yoshobora kuronka ico yipfuza cose
Ayah 24فَلِلَّهِ ٱلۡأٓخِرَةُ وَٱلۡأُولَىٰ
Ni ivy’Imana gusa haba k’umusi w’imperuka no kw’Isi
Ayah 25۞وَكَم مِّن مَّلَكࣲ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ لَا تُغۡنِي شَفَٰعَتُهُمۡ شَيۡـًٔا إِلَّا مِنۢ بَعۡدِ أَن يَأۡذَنَ ٱللَّهُ لِمَن يَشَآءُ وَيَرۡضَىٰٓ
Hariho Abamarayika bangahe mw’ijuru, ubusabizi bwabo butazo fasha atari munyuma yaho Imana izotanga uruhusha kuwo yishakiye nuku mwemerera
Ayah 26إِنَّ ٱلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡأٓخِرَةِ لَيُسَمُّونَ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةَ تَسۡمِيَةَ ٱلۡأُنثَىٰ
Mu vy’ukuri bamwe batemera umusi w’imperukara bahamagara Abamarayika ku mazina y’abakenyezi
Ayah 27وَمَا لَهُم بِهِۦ مِنۡ عِلۡمٍۖ إِن يَتَّبِعُونَ إِلَّا ٱلظَّنَّۖ وَإِنَّ ٱلظَّنَّ لَا يُغۡنِي مِنَ ٱلۡحَقِّ شَيۡـࣰٔ ا
Nabo ntabumenyi bafise kuri ivyo, kuko bada kurikiza atari ukwikekeranya gusa, mu vy’ukuri ukwikeka ntigufasha ikintu na kimwe imbere y’ukuri
Ayah 28فَأَعۡرِضۡ عَن مَّن تَوَلَّىٰ عَن ذِكۡرِنَا وَلَمۡ يُرِدۡ إِلَّا ٱلۡحَيَوٰةَ ٱلدُّنۡيَا
Rero ni wirinde na bamwe baha ibitugu vyabo iki cibutso cacu kandi ntibashaka atari ubuzima bwo ngaha kw’Isi gusa
Ayah 29ذَٰلِكَ مَبۡلَغُهُم مِّنَ ٱلۡعِلۡمِۚ إِنَّ رَبَّكَ هُوَ أَعۡلَمُ بِمَن ضَلَّ عَن سَبِيلِهِۦ وَهُوَ أَعۡلَمُ بِمَنِ ٱهۡتَدَىٰ
Aya niyo maherezo yabo mu kumenya kwabo, mu vy’ukuri Umuremyi wawe niwe afise ubumenyi bw’umuntu yazimiye munzira yiwe kandi niyo ifise n’ubumenyi bw’uwarokotse
Ayah 30وَلِلَّهِ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِ لِيَجۡزِيَ ٱلَّذِينَ أَسَٰٓـُٔواْ بِمَا عَمِلُواْ وَيَجۡزِيَ ٱلَّذِينَ أَحۡسَنُواْ بِٱلۡحُسۡنَى
Ni vy’Imana ibiri mumajuru hamwe n’ibiri kw’Isi kugira ngo ibahembe abantu babi kumabi yabo yose bagira, n’uguhemba ineza kubantu bagira ineza
Ayah 31ٱلَّذِينَ يَجۡتَنِبُونَ كَبَٰٓئِرَ ٱلۡإِثۡمِ وَٱلۡفَوَٰحِشَ إِلَّا ٱللَّمَمَۚ إِنَّ رَبَّكَ وَٰسِعُ ٱلۡمَغۡفِرَةِۚ هُوَ أَعۡلَمُ بِكُمۡ إِذۡ أَنشَأَكُم مِّنَ ٱلۡأَرۡضِ وَإِذۡ أَنتُمۡ أَجِنَّةࣱ فِي بُطُونِ أُمَّهَٰتِكُمۡۖ فَلَا تُزَكُّوٓاْ أَنفُسَكُمۡۖ هُوَ أَعۡلَمُ بِمَنِ ٱتَّقَىٰٓ
Abatitaho ku bicumuro bikuru bikuru hamwe n’ibikorwa vy’umwanda, dukuye mwo amakosa mato mato, ntankeka Umuremyi wawe niwe nyene ikigongwe cinshi, kandi niyo ibazi cane kuva akibarema kuri iy’Isi, no kuva mukiri imbanyi z’abavyeyi banyu, rero ntimusukure imitima yanyu, kuko niyo ifise ubumenyi buhagije bw’uwisukuye
Ayah 32أَفَرَءَيۡتَ ٱلَّذِي تَوَلَّىٰ
Mbega wabonye umwe yahindukira
Ayah 33وَأَعۡطَىٰ قَلِيلࣰ ا وَأَكۡدَىٰٓ
Akaba yatanze bikeyi n’uguca yigumya
Ayah 34أَعِندَهُۥ عِلۡمُ ٱلۡغَيۡبِ فَهُوَ يَرَىٰٓ
Mbega arafise ubumenyi bw’ibitaboneka n’ukubibona
Ayah 35أَمۡ لَمۡ يُنَبَّأۡ بِمَا فِي صُحُفِ مُوسَىٰ
Canke ntiyabwiwe ibiri mu bitabu vy’’intumwa y’Imana Mussa (iii)
Ayah 36وَإِبۡرَٰهِيمَ ٱلَّذِي وَفَّىٰٓ
Hamwe n’ibitabu vy’intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) yakwijije indagano y’Imana
Ayah 37أَلَّا تَزِرُ وَازِرَةࣱ وِزۡرَ أُخۡرَىٰ
Yuko itakira umutima w’ibicumuro vy’uwundi mutima
Ayah 38وَأَن لَّيۡسَ لِلۡإِنسَٰنِ إِلَّا مَا سَعَىٰ
N’umuntu ntazoronka icarico cose atari kukintu yakoze
Ayah 39وَأَنَّ سَعۡيَهُۥ سَوۡفَ يُرَىٰ
N’ibikorwa vyiwe yagize bizo bonekana
Ayah 40ثُمَّ يُجۡزَىٰهُ ٱلۡجَزَآءَ ٱلۡأَوۡفَىٰ
Hanyuma azohembwa impembo yiwe ikwiye
Ayah 41وَأَنَّ إِلَىٰ رَبِّكَ ٱلۡمُنتَهَىٰ
Impera n’imperuka n’ugusubira k’Umuremyi wawe
Ayah 42وَأَنَّهُۥ هُوَ أَضۡحَكَ وَأَبۡكَىٰ
Nayo Imana niyo izana ibintu binezereza n’ibitera agahinda
Ayah 43وَأَنَّهُۥ هُوَ أَمَاتَ وَأَحۡيَا
Kandi niyo yica n’ukuzura
Ayah 44وَأَنَّهُۥ خَلَقَ ٱلزَّوۡجَيۡنِ ٱلذَّكَرَ وَٱلۡأُنثَىٰ
Kandi niyo yaremye ibintu bibiri ikigabo n’ikigore mubintu vyose
Ayah 45مِن نُّطۡفَةٍ إِذَا تُمۡنَىٰ
Mu mbuto z’uruvyaro mugihe zisukiwe mugitereko c’uruvyaro
Ayah 46وَأَنَّ عَلَيۡهِ ٱلنَّشۡأَةَ ٱلۡأُخۡرَىٰ
Kandi n’uko hejuru yayo hariho irindi zurwa ry’abantu
Ayah 47وَأَنَّهُۥ هُوَ أَغۡنَىٰ وَأَقۡنَىٰ
Kandi kuriyo niyo itanga ibikwiye ni vy’umusesekara
Ayah 48وَأَنَّهُۥ هُوَ رَبُّ ٱلشِّعۡرَىٰ
Kandi niwe Muremyi w’Inyenyeri yitiriwe Shi’ira
Ayah 49وَأَنَّهُۥٓ أَهۡلَكَ عَادًا ٱلۡأُولَىٰ
Kandi niyo yahoneje Aadi wambere
Ayah 50وَثَمُودَاْ فَمَآ أَبۡقَىٰ
NaThamuda ntihasigaje n’umwe
Ayah 51وَقَوۡمَ نُوحࣲ مِّن قَبۡلُۖ إِنَّهُمۡ كَانُواْ هُمۡ أَظۡلَمَ وَأَطۡغَىٰ
N’imbere y’abo abantu bo kuntumwa y’Imana Nuhu (iii) nabone barahemukiye imitima yabo gusumba ayandi mabi cane
Ayah 52وَٱلۡمُؤۡتَفِكَةَ أَهۡوَىٰ
N’ibisagara vyacuranguwe ikaba ariyo yabi curanguye
Ayah 53فَغَشَّىٰهَا مَا غَشَّىٰ
Irabipfuka ivyapfutswe
Ayah 54فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكَ تَتَمَارَىٰ
N’iyihe migisha y’Umuremyi wawe uyigirira ko amakenga
Ayah 55هَٰذَا نَذِيرࣱ مِّنَ ٱلنُّذُرِ ٱلۡأُولَىٰٓ
Uyu n’uwutuza mubatuza bakera
Ayah 56أَزِفَتِ ٱلۡأٓزِفَةُ
Icaduka kiri hafi kiregereje
Ayah 57لَيۡسَ لَهَا مِن دُونِ ٱللَّهِ كَاشِفَةٌ
Ntawushobora kugikura ho atari Imana yonyene
Ayah 58أَفَمِنۡ هَٰذَا ٱلۡحَدِيثِ تَعۡجَبُونَ
Mbega mutangazwa n’ibi biganiro
Ayah 59وَتَضۡحَكُونَ وَلَا تَبۡكُونَ
N’ugutwenga, kandi mutarira
Ayah 60وَأَنتُمۡ سَٰمِدُونَ
Murasamaye gusa
Ayah 61فَٱسۡجُدُواْۤ لِلَّهِۤ وَٱعۡبُدُواْ۩
Rero nimu pfukamire Imana kandi muyisenge
Ayah 62