Surah At-Tahrim — The Prohibition
Surah At-Tahrim (The Prohibition) is chapter 66 of the Quran, with 12 verses. This page presents the Arabic text with a Kirundi translation, verse by verse.
يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّبِيُّ لِمَ تُحَرِّمُ مَآ أَحَلَّ ٱللَّهُ لَكَۖ تَبۡتَغِي مَرۡضَاتَ أَزۡوَٰجِكَۚ وَٱللَّهُ غَفُورࣱ رَّحِيمࣱ
Ewe ntumwa y’Imana, ni kuki ubuza ivyarekuriwe kugirwa n’Imana, ukarondera ikigongwe kubakenyezi bawe n’Imana niyo ifise ikigongwe n’impuhwe gihagije
Ayah 1قَدۡ فَرَضَ ٱللَّهُ لَكُمۡ تَحِلَّةَ أَيۡمَٰنِكُمۡۚ وَٱللَّهُ مَوۡلَىٰكُمۡۖ وَهُوَ ٱلۡعَلِيمُ ٱلۡحَكِيمُ
Mu vy’ukuri Imana yarabahaye ubutungane bw’ukwugurura indahiro zanyu, n’Imana niyo Muremyi wanyu, kandi niyo nyene ubumenyi n’ubuhizi buhagije
Ayah 2وَإِذۡ أَسَرَّ ٱلنَّبِيُّ إِلَىٰ بَعۡضِ أَزۡوَٰجِهِۦ حَدِيثࣰ ا فَلَمَّا نَبَّأَتۡ بِهِۦ وَأَظۡهَرَهُ ٱللَّهُ عَلَيۡهِ عَرَّفَ بَعۡضَهُۥ وَأَعۡرَضَ عَنۢ بَعۡضࣲۖ فَلَمَّا نَبَّأَهَا بِهِۦ قَالَتۡ مَنۡ أَنۢبَأَكَ هَٰذَاۖ قَالَ نَبَّأَنِيَ ٱلۡعَلِيمُ ٱلۡخَبِيرُ
Kandi ubibutse igihe intumwa y’Imana yabwira umwe mubakenyezi biwe ijambo ry’ibanga, rero igihe yarisasagaje Imana nayo ica irari muserurira intumwa y’Imana munca make bimwe muvyo yavuze n’ugusigaza ayandi mabanga, rero mugihe yamubwira izo nkuru wamukenyezi wiwe yavuze ati:- ni nde yaguhaye izi nkuru? Nawe amwishura ati:- uwampaye izi nkuru nurya afise ubumenyi bw’ukuri n’inkuru z’ibintu vyose
Ayah 3إِن تَتُوبَآ إِلَى ٱللَّهِ فَقَدۡ صَغَتۡ قُلُوبُكُمَاۖ وَإِن تَظَٰهَرَا عَلَيۡهِ فَإِنَّ ٱللَّهَ هُوَ مَوۡلَىٰهُ وَجِبۡرِيلُ وَصَٰلِحُ ٱلۡمُؤۡمِنِينَۖ وَٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ بَعۡدَ ذَٰلِكَ ظَهِيرٌ
Nimwasaba ikigongwe ku Mana yanyu y’ukuri, nuko imitima yanyu yahengamye gatoyi, mugabo nimwa fashanya kubera intumwa y’Imana nuko Imana ari umukunzi wayo hamwe n’intumwa y’Imana Jib’riylu, naba Isilamu b’intore bose, no hejuru yivyo vyose n’Abamarayika bazo fasha
Ayah 4عَسَىٰ رَبُّهُۥٓ إِن طَلَّقَكُنَّ أَن يُبۡدِلَهُۥٓ أَزۡوَٰجًا خَيۡرࣰ ا مِّنكُنَّ مُسۡلِمَٰتࣲ مُّؤۡمِنَٰتࣲ قَٰنِتَٰتࣲ تَٰٓئِبَٰتٍ عَٰبِدَٰتࣲ سَٰٓئِحَٰتࣲ ثَيِّبَٰتࣲ وَأَبۡكَارࣰ ا
Nkumbure nimwahukana Umuremyi wiwe azomuha uwundi mutambukanyi atari muri mwebwe mubakenyezi b’intungane gusumba mwebwe, bakurikiza inkingi zubw’Isilamu n’ukwemera inkingi z’ukwemera kw’idini rya Isilamu, bagamburuka kandi basaba ikigongwe mugihe bakosheje, kandi bagira amasengesho n’ukugira ibikorwa vyinshi vyiza, kubamaze kwubaka izabo canke abatarubaka izabo
Ayah 5يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ قُوٓاْ أَنفُسَكُمۡ وَأَهۡلِيكُمۡ نَارࣰ ا وَقُودُهَا ٱلنَّاسُ وَٱلۡحِجَارَةُ عَلَيۡهَا مَلَٰٓئِكَةٌ غِلَاظࣱ شِدَادࣱ لَّا يَعۡصُونَ ٱللَّهَ مَآ أَمَرَهُمۡ وَيَفۡعَلُونَ مَا يُؤۡمَرُونَ
Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, ni mwirokore kumitima yanyu hamwe n’abantu banyu, hamwe n’umucanwa, inkwi zawo n’abantu hamwe n’amabuye, uwo mucanwa uhagarikiwe n’Abamarayika bakaze cane b’inguvu batadohokera Imana kumategeko yayo, kandi bakagira ivyo bategetswe kugira vyose
Ayah 6يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لَا تَعۡتَذِرُواْ ٱلۡيَوۡمَۖ إِنَّمَا تُجۡزَوۡنَ مَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ
Mwebwe mwahakanye Imana yanyu y’ukuri, ntimwitwaze ivyarivyo vyose kuri uno musi, ntankeka muronswa impembo yivyo mwahora mugira
Ayah 7يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ تُوبُوٓاْ إِلَى ٱللَّهِ تَوۡبَةࣰ نَّصُوحًا عَسَىٰ رَبُّكُمۡ أَن يُكَفِّرَ عَنكُمۡ سَيِّـَٔاتِكُمۡ وَيُدۡخِلَكُمۡ جَنَّٰتࣲ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُ يَوۡمَ لَا يُخۡزِي ٱللَّهُ ٱلنَّبِيَّ وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ مَعَهُۥۖ نُورُهُمۡ يَسۡعَىٰ بَيۡنَ أَيۡدِيهِمۡ وَبِأَيۡمَٰنِهِمۡ يَقُولُونَ رَبَّنَآ أَتۡمِمۡ لَنَا نُورَنَا وَٱغۡفِرۡ لَنَآۖ إِنَّكَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءࣲ قَدِيرࣱ
Mwebwe mwemeye Imana yanyu y’ukuri, nimusabe ikigongwe ku Mana yanyu ikigongwe c’ukuri, nkumbure Umuremyi wanyu azoba hanagurira amabi yanyu n’ukubinjiza mu Majuru acamwo inzuzi imbere yayo, umusi waho Imana itazo tetereza intumwa yiwe canke abayemeye bari kumwe nayo, umuco wabo uzohora ugenda imbere yabo no kumpande zabo zose z’iburyo, bavuga bati:- Muremyi wacu dukwirize uwo muco wacu kandi utugirire ikigongwe, mu vy’ukuri ni wewe nyene ubushobozi buri hejuru y’ibintu vyose
Ayah 8يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّبِيُّ جَٰهِدِ ٱلۡكُفَّارَ وَٱلۡمُنَٰفِقِينَ وَٱغۡلُظۡ عَلَيۡهِمۡۚ وَمَأۡوَىٰهُمۡ جَهَنَّمُۖ وَبِئۡسَ ٱلۡمَصِيرُ
Ewe ntumwa y’Imana, n’uhiganwe nabo bahakanyi batemera Imana yabo y’ukuri hamwe n’ababeshi, kandi ube ufise umukazo kuribo, n’ubwicaro bwabo nubwo mu muriro udahera witiriwe Jahannamu, nayo n’ingaruka mbi cane
Ayah 9ضَرَبَ ٱللَّهُ مَثَلࣰ ا لِّلَّذِينَ كَفَرُواْ ٱمۡرَأَتَ نُوحࣲ وَٱمۡرَأَتَ لُوطࣲۖ كَانَتَا تَحۡتَ عَبۡدَيۡنِ مِنۡ عِبَادِنَا صَٰلِحَيۡنِ فَخَانَتَاهُمَا فَلَمۡ يُغۡنِيَا عَنۡهُمَا مِنَ ٱللَّهِ شَيۡـࣰٔ ا وَقِيلَ ٱدۡخُلَا ٱلنَّارَ مَعَ ٱلدَّٰخِلِينَ
Imana yaratanze akarorero kuri babantu babi bahakanye Imana yabo y’ukuri, nawe n’umutambukanyi w’intumwa y’Imana Nuhu (iii) hamwe n’umutambukanyi w’intumwa y’Imana Lutwi (iii), kuko bari mu bantu bacu beranda, mugabo baratiriganye ku mabanga yabo ntiba shobora kubafasha kukintu icarico cose imbere y’Imana, haca havugwa hati:- nimwinjire mu muriro udahera hamwe naba winjira mwo
Ayah 10وَضَرَبَ ٱللَّهُ مَثَلࣰ ا لِّلَّذِينَ ءَامَنُواْ ٱمۡرَأَتَ فِرۡعَوۡنَ إِذۡ قَالَتۡ رَبِّ ٱبۡنِ لِي عِندَكَ بَيۡتࣰ ا فِي ٱلۡجَنَّةِ وَنَجِّنِي مِن فِرۡعَوۡنَ وَعَمَلِهِۦ وَنَجِّنِي مِنَ ٱلۡقَوۡمِ ٱلظَّٰلِمِينَ
N’Imana yaratanze akarorero kuri bamwe bemera Imana yabo y’ukuri, k’umukenyezi wa Fir’auni igihe yavuga ati:- ewe Muremyi wanje, nunyubakire inzu mw’ijuru iri hafi yawe, hanyuma undokore nuyu Fir’auni hamwe n’ibikorwa vyiwe bibi bigaritse, kandi undokore n’abantu bahemukiye imitima yabo
Ayah 11وَمَرۡيَمَ ٱبۡنَتَ عِمۡرَٰنَ ٱلَّتِيٓ أَحۡصَنَتۡ فَرۡجَهَا فَنَفَخۡنَا فِيهِ مِن رُّوحِنَا وَصَدَّقَتۡ بِكَلِمَٰتِ رَبِّهَا وَكُتُبِهِۦ وَكَانَتۡ مِنَ ٱلۡقَٰنِتِينَ
Na Mariyamu mwene Imrani (iii) yifashe runtu no k’umutima wiwe, duca duhuhera muriwe umutima wacu n’ukwemeza amajambo y’Umuremyi wiwe hamwe n’ibitabu vyayo, akaba yari mu bantu bagamburuka
Ayah 12