Surah Al-A'laa — The Most High
Surah Al-A'laa (The Most High) is chapter 87 of the Quran, with 19 verses. This page presents the Arabic text with a Kirundi translation, verse by verse.
سَبِّحِ ٱسۡمَ رَبِّكَ ٱلۡأَعۡلَى
Ninahaza izina ry’Umuremyi wawe mutagatifu
Ayah 1ٱلَّذِي خَلَقَ فَسَوَّىٰ
Uwaremye ibintu vyose nukubi ringaniza
Ayah 2وَٱلَّذِي قَدَّرَ فَهَدَىٰ
Nukugerageza kimwe kukindi, nukukirongora
Ayah 3وَٱلَّذِيٓ أَخۡرَجَ ٱلۡمَرۡعَىٰ
Niya nagishije ivyakatsi vyose
Ayah 4فَجَعَلَهُۥ غُثَآءً أَحۡوَىٰ
Hanyuma nukuyigira ivyumye n’ibara ryirabura
Ayah 5سَنُقۡرِئُكَ فَلَا تَنسَىٰٓ
Tuzo kwigisha kandi ntuzo kwibagira
Ayah 6إِلَّا مَا شَآءَ ٱللَّهُۚ إِنَّهُۥ يَعۡلَمُ ٱلۡجَهۡرَ وَمَا يَخۡفَىٰ
Mugabo Imana ibishatse niyo ifise ubumenyi bw’ibiboneka hamwe nibita boneka
Ayah 7وَنُيَسِّرُكَ لِلۡيُسۡرَىٰ
Natwe tuzo kworohereza idini ryoroshe
Ayah 8فَذَكِّرۡ إِن نَّفَعَتِ ٱلذِّكۡرَىٰ
Rero nubashikirize ubwo butumwa nibwaba bushoboka
Ayah 9سَيَذَّكَّرُ مَن يَخۡشَىٰ
Ntankeka azokwibuka uwutinya Imana yiwe y’ukuri
Ayah 10وَيَتَجَنَّبُهَا ٱلۡأَشۡقَى
Uwufise ibihano vyinshi azoba kure y’ubwo butumwa
Ayah 11ٱلَّذِي يَصۡلَى ٱلنَّارَ ٱلۡكُبۡرَىٰ
Uwuzo kwinjira mu muriro udahera muniniya cane
Ayah 12ثُمَّ لَا يَمُوتُ فِيهَا وَلَا يَحۡيَىٰ
Hanyuma muri uwo muriro udahera ntazopfa canke ntazoba muzima
Ayah 13قَدۡ أَفۡلَحَ مَن تَزَكَّىٰ
Mu vy’ukuri aramaze kuronka intsinzi uwisukuye n’amabi
Ayah 14وَذَكَرَ ٱسۡمَ رَبِّهِۦ فَصَلَّىٰ
Akibuka izina ry’Umuremyi wiwe n’ugusenga
Ayah 15بَلۡ تُؤۡثِرُونَ ٱلۡحَيَوٰةَ ٱلدُّنۡيَا
Mugabo mwebwe mukunda cane ubuzima bwo ngaha kw’Isi
Ayah 16وَٱلۡأٓخِرَةُ خَيۡرࣱ وَأَبۡقَىٰٓ
Mugihe ubuzima bwo mw’ijuru aribwo bwiza gusumba kandi buramba
Ayah 17إِنَّ هَٰذَا لَفِي ٱلصُّحُفِ ٱلۡأُولَىٰ
Mu vy’ukuri ibi vyose, biri mu bitabu vy’akahise. hamwe n’intumwa y’Imana
Ayah 18صُحُفِ إِبۡرَٰهِيمَ وَمُوسَىٰ
Ibitabu vy’intumwa y’Imana Ibrahimu (iii) hamwe n’intumwa y’Imana Mussa (iii)
Ayah 19