Surah Al-Fajr — The Dawn
Surah Al-Fajr (The Dawn) is chapter 89 of the Quran, with 30 verses. This page presents the Arabic text with a Kirundi translation, verse by verse.
وَٱلۡفَجۡرِ
Ndarahiye k’Umutwenzi
Ayah 1وَلَيَالٍ عَشۡرࣲ
No kumisi icumi
Ayah 2وَٱلشَّفۡعِ وَٱلۡوَتۡرِ
No ku bintu bibiri bibiri, canke kuri kimwe kimwe
Ayah 3وَٱلَّيۡلِ إِذَا يَسۡرِ
No kw’Ijiro rirenganye
Ayah 4هَلۡ فِي ذَٰلِكَ قَسَمࣱ لِّذِي حِجۡرٍ
Hari muri ibi, indahiro k’uwufise ubwenge agatinya
Ayah 5أَلَمۡ تَرَ كَيۡفَ فَعَلَ رَبُّكَ بِعَادٍ
Mbega ntiwabonye ingene Umuremyi wawe yagiriye bene Aadi
Ayah 6إِرَمَ ذَاتِ ٱلۡعِمَادِ
Abo bene Irama bari bafise amazu mare mare
Ayah 7ٱلَّتِي لَمۡ يُخۡلَقۡ مِثۡلُهَا فِي ٱلۡبِلَٰدِ
Abo bantu bataremwe nk’abandi bantu mubindi bisagara
Ayah 8وَثَمُودَ ٱلَّذِينَ جَابُواْ ٱلصَّخۡرَ بِٱلۡوَادِ
Na Thamuda aribo babaje imisozi kumbuga zabo
Ayah 9وَفِرۡعَوۡنَ ذِي ٱلۡأَوۡتَادِ
Na Fir’auni nyene amazu nk’inkingi zikiriho n’ubu
Ayah 10ٱلَّذِينَ طَغَوۡاْ فِي ٱلۡبِلَٰدِ
Abagize amabi mubisagara
Ayah 11فَأَكۡثَرُواْ فِيهَا ٱلۡفَسَادَ
Hanyuma bararengeje urugero muri ivyo bisagara kumabi atako avurwa
Ayah 12فَصَبَّ عَلَيۡهِمۡ رَبُّكَ سَوۡطَ عَذَابٍ
Kuri ivyo Umuremyi wawe yarabakubise inkoni imwe gusa y’ibihano
Ayah 13إِنَّ رَبَّكَ لَبِٱلۡمِرۡصَادِ
Mu vy’ukuri Umuremyi wawe ari mw’iperereza
Ayah 14فَأَمَّا ٱلۡإِنسَٰنُ إِذَا مَا ٱبۡتَلَىٰهُ رَبُّهُۥ فَأَكۡرَمَهُۥ وَنَعَّمَهُۥ فَيَقُولُ رَبِّيٓ أَكۡرَمَنِ
Mugabo umuntu Umuremyi wiwe yamuhaye ibibazo n’ukumuha iteka n’ukumuha imigisha nawe agaca avuga ati:- Muremyi wanje wampaye iteka ntangere
Ayah 15وَأَمَّآ إِذَا مَا ٱبۡتَلَىٰهُ فَقَدَرَ عَلَيۡهِ رِزۡقَهُۥ فَيَقُولُ رَبِّيٓ أَهَٰنَنِ
Nigihe imuhaye ibibazo nukumu gabaniriza imigisha yiwe, aca avuga ati:- Muremyi wanje uramaramaje
Ayah 16كَلَّاۖ بَل لَّا تُكۡرِمُونَ ٱلۡيَتِيمَ
Suko, ahubwo mwebwe ntimuraba impfuvyi n’ijsho ry’ikigongwe
Ayah 17وَلَا تَحَٰٓضُّونَ عَلَىٰ طَعَامِ ٱلۡمِسۡكِينِ
Kandi mwebwe ntimwihimiriza kurisha abakene
Ayah 18وَتَأۡكُلُونَ ٱلتُّرَاثَ أَكۡلࣰ ا لَّمࣰّ ا
Kandi murarya ibisigi vy’abantu n’igihababu cinshi cane
Ayah 19وَتُحِبُّونَ ٱلۡمَالَ حُبࣰّ ا جَمࣰّ ا
Kandi murakunda amatungo k’urugero rurengeje ibintu vyose
Ayah 20كَلَّآۖ إِذَا دُكَّتِ ٱلۡأَرۡضُ دَكࣰّ ا دَكࣰّ ا
Suko bimeze, mugihe Isi izo manyagurwa ibimanyu manyu
Ayah 21وَجَآءَ رَبُّكَ وَٱلۡمَلَكُ صَفࣰّ ا صَفࣰّ ا
N’Umuremyi wanyu azoshika ari kumwe n’Abamarayika bari kumirongo n’iyindi
Ayah 22وَجِاْيٓءَ يَوۡمَئِذِۭ بِجَهَنَّمَۚ يَوۡمَئِذࣲ يَتَذَكَّرُ ٱلۡإِنسَٰنُ وَأَنَّىٰ لَهُ ٱلذِّكۡرَىٰ
Rero kuri uwo musi hazo shikirizwa wa muriro udahera witiriwe Jahannamu, kuri uwo musi umuntu azokwibuka, mugabo uko kwibuka kwiwe kuzo mumarira iki
Ayah 23يَقُولُ يَٰلَيۡتَنِي قَدَّمۡتُ لِحَيَاتِي
Azovuga ati:- iyo ntanguza ineza kubera ubuzima bwanje
Ayah 24فَيَوۡمَئِذࣲ لَّا يُعَذِّبُ عَذَابَهُۥٓ أَحَدࣱ
Rero uwo musi Imana ntizohana umuntu uwariwe wese nkuko Imana ihora ihana
Ayah 25وَلَا يُوثِقُ وَثَاقَهُۥٓ أَحَدࣱ
Kandi ntizo boha uwariwe wese nkuko ihora ibaboha
Ayah 26يَٰٓأَيَّتُهَا ٱلنَّفۡسُ ٱلۡمُطۡمَئِنَّةُ
Ewe mutima uhumuye
Ayah 27ٱرۡجِعِيٓ إِلَىٰ رَبِّكِ رَاضِيَةࣰ مَّرۡضِيَّةࣰ
N’ugaruke ku Muremyi wawe wizeye yuko utekaniwe, n’Imana nayo itekanirwe na wewe
Ayah 28فَٱدۡخُلِي فِي عِبَٰدِي
Rero niwinjire mumirwi y’abantu beranda
Ayah 29وَٱدۡخُلِي جَنَّتِي
Winjire mw’Ijuru ryanje
Ayah 30