Surah At-Tin — The Fig

Surah At-Tin (The Fig) is chapter 95 of the Quran, with 8 verses. This page presents the Arabic text with a Kirundi translation, verse by verse.

وَٱلتِّينِ وَٱلزَّيۡتُونِ

Ndarahiye kuri iki camwa citiriweTtiyn na Zaytuni

Ayah 1

وَطُورِ سِينِينَ

No k’umusozi wa Sinayi

Ayah 2

وَهَٰذَا ٱلۡبَلَدِ ٱلۡأَمِينِ

No kuri iki gisagara c’amahoro c’IMakkat

Ayah 3

لَقَدۡ خَلَقۡنَا ٱلۡإِنسَٰنَ فِيٓ أَحۡسَنِ تَقۡوِيمࣲ‏

Ntankeka twaremye umuntu mw’ishusho ryiza cane

Ayah 4

ثُمَّ رَدَدۡنَٰهُ أَسۡفَلَ سَٰفِلِينَ

Hanyuma tumugarura kuba hasi gusumba abari hasi cane

Ayah 5

إِلَّا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ فَلَهُمۡ أَجۡرٌ غَيۡرُ مَمۡنُونࣲ‏

Dukuyemwo abemeye Imana yabo y’ukuri n’ukugira ibikorwa vyiza, abo nibo bazoronka impembo itazo hera

Ayah 6

فَمَا يُكَذِّبُكَ بَعۡدُ بِٱلدِّينِ

N’igiki kigushikira n’uguhakana impembo munyuma y’ukubona ivyo vyose

Ayah 7

أَلَيۡسَ ٱللَّهُ بِأَحۡكَمِ ٱلۡحَٰكِمِينَ

Ntabwo Allah arenganura abacamanza

Ayah 8