Surah Al-Balad — The City
Surah Al-Balad (The City) is chapter 90 of the Quran, with 20 verses. This page presents the Arabic text with a Kirundi translation, verse by verse.
لَآ أُقۡسِمُ بِهَٰذَا ٱلۡبَلَدِ
Ndarahiye kuri iki gisagara c’Imakkat
Ayah 1وَأَنتَ حِلُّۢ بِهَٰذَا ٱلۡبَلَدِ
Na wewe uzomanuka muri iki gisagara nyene
Ayah 2وَوَالِدࣲ وَمَا وَلَدَ
Ndarahiye kukintu cavyaye, hamwe nicavutse
Ayah 3لَقَدۡ خَلَقۡنَا ٱلۡإِنسَٰنَ فِي كَبَدٍ
Yuko twaremye ikiremwa muntu mungorane nyinshi cane
Ayah 4أَيَحۡسَبُ أَن لَّن يَقۡدِرَ عَلَيۡهِ أَحَدࣱ
Mbega yiyumvira yuko ata n’umwe yoshobora kumufata
Ayah 5يَقُولُ أَهۡلَكۡتُ مَالࣰ ا لُّبَدًا
Avuga ati:- narononye amatungo menshi cane
Ayah 6أَيَحۡسَبُ أَن لَّمۡ يَرَهُۥٓ أَحَدٌ
Mbega yiyumvira yuko ata n’umwe amubona
Ayah 7أَلَمۡ نَجۡعَل لَّهُۥ عَيۡنَيۡنِ
Mbega ntitwamuhaye amaso abiri
Ayah 8وَلِسَانࣰ ا وَشَفَتَيۡنِ
N’ururimi hamwe n’iminwa ibiri
Ayah 9وَهَدَيۡنَٰهُ ٱلنَّجۡدَيۡنِ
Tumwereka inzira zose uko ari zibiri
Ayah 10فَلَا ٱقۡتَحَمَ ٱلۡعَقَبَةَ
Mbega yarawusatuye uwo musozi
Ayah 11وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا ٱلۡعَقَبَةُ
None n’igiki kizo kumenyesha uwo musozi
Ayah 12فَكُّ رَقَبَةٍ
N’uguha umushumvyi uburenganzira bwiwe n’iteka rimukwiye
Ayah 13أَوۡ إِطۡعَٰمࣱ فِي يَوۡمࣲ ذِي مَسۡغَبَةࣲ
Canke ukamurisha k’umusi w’ikigoyi
Ayah 14يَتِيمࣰ ا ذَا مَقۡرَبَةٍ
Impfuvyi y’umugenzi n’iyitari iyumugenzi
Ayah 15أَوۡ مِسۡكِينࣰ ا ذَا مَتۡرَبَةࣲ
Canke umukene ataco yifashije
Ayah 16ثُمَّ كَانَ مِنَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَتَوَاصَوۡاْ بِٱلصَّبۡرِ وَتَوَاصَوۡاْ بِٱلۡمَرۡحَمَةِ
Hanyuma abe mubemeye Imana yiwe y’ukuri, nukuburirana ukwihangana nukuburirana mukugiriranira ikigongwe
Ayah 17أُوْلَٰٓئِكَ أَصۡحَٰبُ ٱلۡمَيۡمَنَةِ
Abo nibo bantu bo kuruhande rw’amahoro
Ayah 18وَٱلَّذِينَ كَفَرُواْ بِـَٔايَٰتِنَا هُمۡ أَصۡحَٰبُ ٱلۡمَشۡـَٔمَةِ
Mugabo abahakanye amajambo yacu matagatifu, abo nibo bantu bo kuruhande rw’ishari
Ayah 19عَلَيۡهِمۡ نَارࣱ مُّؤۡصَدَةُۢ
Umuriro wugarijwe kumpande zose uzoba uri hejuru yabo
Ayah 20